Uko wahagera

Grenade Zatewe i Bujumbura Zishe Batatu Zikomeretsa Abatari Bake


Abantu bashika kuri batatu barasize ubuzima mu bitero vy’amagerenade vyabereye ku murwa mukuru w’ubutunzi w’Uburundi Bujumbura ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere. Aya makuru yavuye mu giporisi hamwe n’ibimenyeshamakuru.

Ibi bitero i Bujumbura bikurikiye iyindi gerenade yatewe ku murwa mukuru wa poritike i Gitega ku musi w’Imana hamwe n’ibisasu vya roketi vyatewe ku kibuga c’indege mpuzamakungu citiriwe Melchior Ndadaye mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu.

Gerenade zibiri zaturikiye ku gituro c’ama bus yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura kuri uyu wa mbere hafi isaha imwe z’ijoro, nkuko umutegetsi mu giporisi atashimye ko izina ryiwe rimenyekana hamwe n’abavyiboneye babivuze. Umuntu umwe yarahapfiriye abandi 29 barakomereka, bamwe barababaye cane, kandi ngo ni igitigiri c’imfatakibanza.

Gerenade ya gatatu yatewe kw’isoko, yica abantu babiri n’abandi batari bake barakomereka, iyigira kane iturikira hafi y’ikigwi c’abari bategereye bus mu micungararo ya Bujumbura, nkuko abaporisi babiri babibwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.

Zaba izo gerenade zatewe kuri uyu wa mbere n’izatewe kuw’Imana i Gitega, nta n’umwe araziyitirira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG