Uko wahagera

DRC: Abitwaje Ibirwanisho Baraye Bishe Abanyagihugu Bagera ku 50


Bamwe mu basirikare ba Kongo bariko bakizura i Beni
Bamwe mu basirikare ba Kongo bariko bakizura i Beni

Abanyagihugu n'imiburiburi 50 baraye baguye mu bitero vyagabwe n'abitwaje ibirwanisho mu buraruko bushira ubuseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Kongo.

Abahinga bahurikiye mu mugambi witwa Baromètre sécuritaire du Kivu bavuze ko 28 muri abo basivile biciwe ahitwa i Boga, 22 nabo bicirwa i Tchabi muri teritware ya Irumu iri muri Ituri.

Abo bahinga bavuze ko abitwaje ibirwanisho babanje gutera ikambi yegeranijwemwo abataye izabo iri ahitwa Rubingo hegeranye n’aho i Boga.

Amashirahamwe yigenga ari ku rubuga aho vyabereye yegetse ibi bitero ku barwanyi barwanya ubutegetsi bwa Uganda, ADF. Uyu murwi nturemeza canke ngo uhakane ko ari wo wishe abo banyagihugu.

  • 16x9 Image

    Diane Nininahazwe

    Diane Nininahazwe akorera igisata c'Ikirundi n'Ikinyarwanda kuva mu 2015. Imbere yo gutangura gukorera ku cicaro gikuru i Washington-DC nk'umumenyeshamakuru n'uwushinzwe imbuga ngurukanabumenyi z'ico gisata (Digital Lead), yakoreye Ijwi ry'Amerika mu Burundi, i Buraya ku murwa mukuru w'Ubudagi i Berlin, no mu gisagara ca Los Angeles muri Reta ya California iri mu burengero bushira ubumanuko bw'Amerika. Umwuga wo kumenyesha amakuru yawutanguye mu 2004 aho yakoreye ibimenyeshamakuru bitandukanye birimwo iradiyo yigenga Bonesha Fm n'ikimenyeshamakuru c'Abafaransa, Le Point Afrique. Imbere yo gukorera Ijwi ry'Amerika, Nininahazwe yarakoze nk'umumenyeshamakuru yigenga ibiganiro vy'amashirahamwe yigenga arimwo iryo mu Buholande, La Benevolencija, iry'Abanyamerika, PSI, iry'Abadagi, EIREN, na CED-Caritas Burundi. Kuva mu 2011, ari mu murwi w'abamenyeshamakuru igisata ca ONU kiraba ivy'ubutunzi, UNECA, gikoresha nk'abigenga mu gukurikirana amanama mpuzamakungu ku vy'ihindagurika ry'ibihe n'iterambere rirama. Afise impamyabushobozi ya kaminuza mu gisata co kumenyesha amakuru mu bijanye n'iterambere (Communication Pour le Développement), n'urupapuro mu vy'umwuga wo kumenyesha amakuru muri rusangi (Multimedia Journalism). Amaze gutahukana ubushimwe butandukanye mu vy'ukumenyesha amakuru burimwo bubiri mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG