Uko wahagera

Tshisekedi Yiyemeje Gutuza Imihari Yitwaje Ibigwanisho mu Buseruko


Umukuru w'akana ka Buraya, Charles Michel (ibubamfu) na Perezida Félix Tshisekedi i Kinshasa, RDC, kw'itariki ya 29/04/2021
Umukuru w'akana ka Buraya, Charles Michel (ibubamfu) na Perezida Félix Tshisekedi i Kinshasa, RDC, kw'itariki ya 29/04/2021

Perezida wa Republika ya demokarasi ya Kongo, Felix Tshisekedi, kuri uyu wa kane yiyemeje gufata ingingo ruhasha ku mihari yitwaje ibirwanisho mu buseruko bw’ico gihugu. Iyo mihari imaze kwica ibihumbi vy’abasivile hamwe n’ibindi bihumbi vyateshejwe ingo zabo.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku murwa mukuru Kinshasa, Tshisekedi, ari kumwe n’umukuru w’akanama ka Buraya, Charles Michel, yavuze ko agiye kurondera umuti urama uzogabanya ubwo bwicanyi mu buseruko.

Ibi abishikirije inyuma y’umushikiranganji wa mbere aherutse kuvuga ko ako karere gashobora gushirwa mu bihe bidasanzwe nk’ivyo mu ntambara kubera ubwicanyi buhabera. Jean-Michel Sama Lukonde, yabwiye abashingamateka ku musi wa mbere ko ingingo zose zishoboka zizofatwa.

Akarere ko mu buseruko bwa Kongo gakekwa ko karimwo imigwi 122 yitwaje ibirwanisho, iri mu ntara zose ziri kuri urwo rubibe.

Uwuvugwa ko usasika inganda kurusha iyindi, ni ADF wamuka muri Uganda. Mu kwezi kwa gatatu, ONU yavuze ko umaze kwica hafi abantu 200 kuva uyu mwaka utangura, hamwe n’abarenga 40 000 wakuye mu ngo zabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG