Amwe mu Mafoto y'Amatora ya Amerika 2024
Abanyamerika baracarindiriye kumenya uwaronse amajwi menshi mu matora ya prezida. Abakandida bahiganira intebe ya prezida wa Amerika ni Visi Prezida Kamala Harris ku ruhande rw'abademokrate na Donald Trump yahoze ari prezida ku ruhande rw'abarepublikane.

5
Uwu mupfasoni ari kw'ifoto yitwa Mary Miller wo muri reta ya Michigan. Agendana ubumuga butamworohereza kuva mu muduga ngo aje aho atorera. Abo bandi bari kw'ifoto, harimwo umubanyi wiwe n'umwe mu bahagarariye amatora badasangiye umugambwe ariko aramufasha gutora.

6
Aba mubona kuri ino foto bari ku murongo, ni Abanyamerika batoreye mu gisagara ca Boston co muri Reta ya Massachusetts.

7
Umwana ari kuri iyo foto, yitwa Vesta Avery w'imyaka 2. Ariko yiryohera afata ikaramu aho nyina wiwe Alexis Taylor ariko aratora. Vesta na Avery ni abo muri reta ya New York.

8
Bamwe mu banyagihugu bo muri reta ya New York bariko baratora.