Amwe mu Mafoto y'Amatora ya Amerika 2024
Abanyamerika baracarindiriye kumenya uwaronse amajwi menshi mu matora ya prezida. Abakandida bahiganira intebe ya prezida wa Amerika ni Visi Prezida Kamala Harris ku ruhande rw'abademokrate na Donald Trump yahoze ari prezida ku ruhande rw'abarepublikane.

9
Bamwe mu bacungera amatora basuzuma impapuro zo gutorerako muri reta ya New York

10
Reta ya Alabama iri mu buseruko bushira ubumanuko bwa Amerika yazindukiyemwo imvura. Naho biri uko, imirongo yari miremire. Aba ni bamwe mu batoreye mu gisagara ca Alabama.

11
Uyu ni Senateri JD Vance n'abana biwe. JD Vance ni we mukandida mu mwanya wa visi prezida ku ruhande rw'abarepublikane. Yatoreye mu gisagara ca Cincinnati muri reta ya Ohio.

12
Uyu munyamerikakakazi wo muri reta ya Florida ashigikiye umukandida w'abarepublikane ku mwanya wa prezida, Donald Trump. Afise igikinisho gishushanijeko Trump, n'agapapuro baha kanditseko 'My Voye", ( Uwo natoye).