Amwe mu Mafoto y'Amatora ya Amerika 2024
Abanyamerika baracarindiriye kumenya uwaronse amajwi menshi mu matora ya prezida. Abakandida bahiganira intebe ya prezida wa Amerika ni Visi Prezida Kamala Harris ku ruhande rw'abademokrate na Donald Trump yahoze ari prezida ku ruhande rw'abarepublikane.

1
Umwe mu banyamerika batoreye muri reta ya Pennsylvania. Iyi reta iri mu ma reta indwi afatwa nk'ayashobora gutatura ibiva mu matora. Ayo ma reta rimwe na rimwe aha amajwi menshi Abademokarate, ikindi gihe akayaha Abarepubulikani. Hambavu ya Pennsylvania ayandi ni Georgia, North Carolina, Michigan, Arizona, Wisconsin na Nevada.

2
Uyu ari kuri iyo foto yitwa Henry Schultz. Afise imyaka 18. Ni ubwa mbere atoye. Yatoreye muri reta ya Wisconsin.

3
Aba banyagihugu bariko baratora ni abo mu gisagara ca Lewiston co muri reta ya Maine. Iyi reta irimwo abimukira benshi bakomoka mu karere k'ibviyaga binini vya Afurika birimwo Uburundi n'u Rwanda.

4
Iyi foto yafatiwe muri reta ya Karorina y'uburaruko. Uwu mupfasoni ari imbere y'ibiro vy'itora vyo mu gisagara ca Raleigh.