Uko wahagera

Abimukira Barindwi Bapfiriye mu Ibahari ya Mediterane


Ubwato butwaye abimukira mw'ibahari ya Mediterane
Ubwato butwaye abimukira mw'ibahari ya Mediterane

Abimukira 7 basomye nturi igihe ubwato barimwo bwazama mu mazi y'ibahari Mediterane hafi y'izinga rya Lampedusa ryegukira igihugu c'Ubutaliyano.

Itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, dukesha iyi nkuru, rivuga ko umwe muri bo yari umupfasoni yibungenze. Basomye nturi igihe ubwato bwari bubatwaye bwubama uno musi ku wa Gatatu.

Luigi Patronaggio, umushikirizamanza mukuru w’umurwi uyoboye amatohoza ku rupfu rw’abo bantu avuga ko irengero ry’abandi bantu bagera kuri 10 ntirizwi. Abo bimukira bari batanguye urugendo rwabo baturutse mu gihugu ca Tuniziya.

Umukuru w’igisagara ca Lampedusa, Toto Martello, avuga ko impanuka y’ubwato ari ibintu bibabaje cane. Aribaza ico bizosaba kugira Ubutaliyano n’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya vyumve ko ibintu bidashobora kubandanya uko biri muri iki gihe.

Abajejwe gukingira imbibe zo mu mazi barashoboye gutabara abimukira 46 igihe ubwato barimwo bwubama. Bakaba babagarukanye mw’izinga rya Lampedusa.

Abimukira bagera ku 19,800 barashitse mw’izinga rya Lampedusa kuva mu ntango z’uyu mwaka. Benshi muri bo bahunze ubukene muri Afrika no mu karere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG