Uko wahagera

Tuniziya Yatabaye Abimukira 267 Bari Bagotewe muri Mediterane


Illegal Pakistani Migrants
Illegal Pakistani Migrants

Abategetsi ba Tuniziya kuri uyu wa kane batabaye abimukira 267, benshi bamuka muri Bangladesh, bariko bagerageza gusoza ubwato bava muri Libiya binjira mu Burayi baciye mw’ibahari Meditarane. Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira OIM ryabishikirije kuri uyu wa kane.

Abasirikare ba Tuniziya bacungera umutekano mu mazi bavuze ko abo bimukira,barimwo abanyamisiri batatu, bari bagotewe mu mazi igihe ubwato barimwo bwapfa. Baciye batwarwa ku kivuko c’i Ben Guerdane, mu bumanuko bwa Tuniziya, hafi y’urubibe na Libiya, imbere y’uko bahabwa OIM hamwe na Croix Rouge.

Ibitigiri bitangwa na OIM bivuga ko abimukira barenga 1000 bafatiwe muri Tuniziya kuva mu kwezi kwa mbere, kandi ko ivyo bitigiri bibandanya vyiyongera.

Abandurutse bava muri Libiya kuva mu kwezi kwa mbere n’ukwa kane, 2021 bagera ku 11 000, barenze ibice 70 kw’ijana ku gitigiri co mu mwaka uheze muri ico kiringo nyene, nkuko ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi HCR ribivuga.

HCR ivuga ko imibereho mibi y’abimukira muri Libiya na Tuniziya ari yo ituma abo bimukira bafata izo ngendo zitoroshe, bava muri Afrika y’uburaruko berekeza ku mugabane wa buraya.

Kubwa ONU, abantu bashika 760 barapfiriye muri izo ngendo igihe bariko bajabuka ibahari Mediterane mu mezi ari hagati y’ukwa mbere n’ukwa gatanu uyu mwaka, mu gihe mu mwaka uheze wose hapfuye 1400.

AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG