Matt Gaetz, yari yagenwe na prezida watowe Donald Trump kugira azobe umushikiranganji ajejwe ubutungane wa Leta zunze ubumwe z'Amerika yabivuyemwo.
Abivuyemwo inyuma yuko amatohoza yo ku rwego rw’igihugu ku vyo yagirizwa ko yasambanije abana b’abakob batarakwiza imyaka vyateye amazinda ku vy’uko ashobora kwemezwa.
Gaetz, yahoze ari umushingamateka w’umurepublikani ku rwego rw’igihugu aturuka muri Reta ya Florida yatangaje ko ahevye kurondera kuba umushikiranganji ajejwe ubutungane inyuma y’uko abonanye n’abakenguzamateka mu kigoro yarimwo ko kurondera ko bamushigikira mu mugambi wiwe wo kuyobora ubushikiranganji bujejwe ubutungane.
Yatangaje ko bigaragara ko ibibandanya kuvurwa kuri we biriko bisamaza igikorwa gikomeye ca Prezida watowe Donald Trump n’icegera ciwe, JD Vance co gutegaura gushikira icese amabanga yabo mu kwezi kwa mbere kw’umwaka utaha w’i 2025.
Yavuze ko ata mwanya uhari wo gutakaza, ko kubera izo mvo akuye izina mu barondera kuba umushikiranganji ajejwe ubutungane. Gaetz yatangaje ko umushikiranganji ajejwe ubutungane azoba agenywe na Trump azotegerezwa kuba ahari kandi yiteguye kuva ku musi wa mbere w’akazi wa reta yiwe.
Kuba Matt Gaetz ahevye kubandanya kurondera kuba umushikiranganji ajejwe ubutungane bizogeramira umugambi wa Prezida Trump wo gushira basomambike muri reta yiwe nshasha.
Ni kandi ikimenyetso ca mbere ko abo mu mugambwe wiwe bashobora kutazokwemera abantu bose ariko aragena muri reta yiwe.
Forum