Uko wahagera

Abajejwe Imyiyamamazo ya Trump Bagiriza Irani Kwiba Amabanga Yabo


Abajejwe imyiyamamazo ya Donald Trump ariko arondera kuba prezida wa Amerika bavuga ko Irani yivye amabanga yabo biciye mu buihinga bwa none.

Ikimenyeshamakuru co muri Amerika Politico cemeza ko hari amakuru y’ibanga cahawe biciye muri imeyeri ajanye n’imyiyamamazo y’abarepublikane muri rusangi, ariko vy’umwihariko ayo makuru “yavuga ku ciswe intege nke za J.D Vance”, yiyamamaza mu kibanza c’uwushobora kuba visi prezida wa Amerika, ari nka hamwe Donald Trump yotsinda amatora.

Itangazo ryasohowe n’abajejwe imyiyamamazo ya Donald Trump yahoze ari prezida wa Amerika rigira riti: “ Ayo makuru yose yagiye ahabona binyuranye n’amategeko. Yagiye hanze biciye ku banyamahanga babangamiye Amerika kandi bashaka kwivanga mu matora yo mu 2024.

Ku rundi ruhande, Donald Trump yemeza ko ikigo Nyamerika, Microsoft, na co nyene giherutse guha abajejwe imyiyamamazo yiwe raporo yemeza ko Irani yacengetereye zimwe mu mbuga ziwe. Trump ariko ashimangira ko amakuru “ Irani yivye”, ari amakuru umuntu wese yabishatse ashobora kubona.

Itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, dukesha ino nkuru rivuga ko ritarashobora kuronka ivyemezo ntabanduka vy’uko vy’ukuri Irani yivye amabanga y’abarepublikane.

Ubutumwa bwa imeyeri ubuserukizi bwa Irani muri ONU bwanditse bwisigura kuri iki kibazo bugira buti: “ Irani nta mugambi wo kwivanga mu matora ya Amerika ifise. Yewe, nta n’inyungu ibifisemwo. Ivyegeranyo nk’ivyo nta gaciro na gato tubiha.”

Donald Trump kuva akiri prezida wa Amerika yamye afise imigenderanire mibi na Irani. Mu 2020, yategetse igisirikare ca Amerika kwica umwe mu ngabo nkuru za Irani. Kuva ico gihe, Irani ntishaka Trump. Yahize ko izomwihora. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG