Uko wahagera

Burundi: Ubutungane Busabira Ibindi Bihano Bunyoni


Alain Guillume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi
Alain Guillume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi

Mu Burundi, urubanza rw’abagirizwa gutembagaza ubutegetsi bwa Prezida Evariste Ndayishimiye bafadikanije na Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere rwabandanije kumvirizwa uno munsi.

Abarengukijwe na Sentare Ntahinyuzwa mu gisata cayo c’iyungururizo ni Colonel de Police Désiré Uwamahoro na Côme Niyonsaba, umuhinga yari ajejwe ibikorwa vyo kubaka amazu ya Alain Guillaume Bunyoni.

Désiré Uwamahoro yinjiye atekanye afise na bibiliya mu minwe. Yagirijwe n’umushikirizamanza ko yifadikanije na Bunyoni mu mugambi wo gusenyura ubutegetsi kandi ko yamenye amabanga y’akazi mu kuburira Bunyoni ko hari umugambi wo kumusaka no kumufata. Uwamahoro n’uwumwunganira barahakana ico caha bakagiriza sentare ko iriko irakorera ku matohoza atari yo ikegeka icaha ku muburanyi.

Ku bijanye n’ubutumwa Désiré Uwamahoro yandikiraniye na Bunyoni, hari bumwe Uwamahoro yemera n’ubundi yiregura avuga ko hari ubwo bamushiriye muri terefone bakoresheje ubuhinga bwo kwiyandikira kandi ukiyishura. Akaba yasavye ko ubwo butumwa butofatirwako.

Désiré Uwamahoro n’uwumwunganira basavye kandi ko ivyegeranyo vyafatiwe mu biro vy’iperereza bitofatirwako kuko "yakozweko amatohoza bamwambitse amapingu kandi agirwako iterabwoba ryo kwicwa akaba yabisinye kugira acungure igufa." Izo nsiguro ntizanyuze umushikirizamanza n’umukuru w’intahe.

Ku vy0 gutembagaza ubutegetsi yagize ati:" None ko banyagiriza kwinjiza abari gutembagaza ubutegetsi, nkaba natwara abapolisi bagera ku 800, kuki muri abo bose ata n’umwe nahereye amafaranga nawe agafatwa, akagirizwa icaha co kuja mu mugwi w’abashaka gutemabagaza ubutegetsi?"

Ku mafaranga y’Abanyamerika angana n’ibihumbi 19.500, Désiré Uwamahoro yahawe na Alain Guillaume Bunyoni kugira aje kurondera abo bofashanya mu mugambi wo gutembagaza ubutegetsi, uwagirizwa icaha arayemera agasigura ko yayahawe kugira arihire ishure umwana wiwe yiga mu mahanga ayandi nayo ko yari ayo amuhaye kugira yikenure mu bikorwa vy’umuryango.

Ku kibazo c’amanama bakoreye muhira kwa Alain Guillaume Bunyoni, Désiré Uwamahoro aremera ko babonanye na Bapfumukeko Samuel Destino ariko atari kwa Bunyoni. Uwamahoro avuga ko be na Destino babonaniye mu buriro bw’abashinwa mu gisagara ca Bujumbura kugira bapange umugambi wo gushinga imangazine yo kuranguza imiti.

Uwamahoro avuga ko inama zabereye kwa Bunyoni atari akwiye kuszagirizwa, kubera no mu cegeranyo c’amatohoza yakozwe ku mukenyezi wa Bunyoni, "handitsemwo ko Uwamahoro atigeze ahonyora kwa Bunyoni."

Akikijwe n'abapolisi b'igisata yararongoye kijejwe kurwanya imigumuko koloneli mu gipolisi, Désiré Uwamahoro mw'ibarabara ryo ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura
Akikijwe n'abapolisi b'igisata yararongoye kijejwe kurwanya imigumuko koloneli mu gipolisi, Désiré Uwamahoro mw'ibarabara ryo ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura

Ku caha co kumena amabanga y’akazi Désiré Uwamahoro akaburira Bunyoni ko hari umugambi wo kumusaka no kumufata, uwagirizwa icaha yavyiyamirije. Ubwa mbere asigura ko atari kumenya ibipangirwa mu biro vy’iperereza bigakorwa n’umushikirizamanza mukuru wa republika kandi adakorayo.

Ikindi ati umutahe wo gusaka Bunyoni wasohotse itariki 16 z’ukwa kane 2023, asakwa bukeye, none nari kumena ibanga ritarabaho. Umushikirizamanza yamwagirije ko yahamagaye uwitwa Ndekatubane amutuma kwa Bunyoni kugira amuburire. Aho naho Uwamahoro aremera ko yamuhamagaye ariko ko yashaka kumubwira ivy’iyerekwa abakenyezi b’abasenzi bari beretswe ku bijanye n’ibigiye kuba Kuri Bunyoni kugira abimenye.

Ivyo vyose ntivyanyuze umushikirizamanza yagumye amwemeza ko yamenye ibanga ry’akazi kuko yahamagaye kenshi uwo Ndekatubane. Hageze igihe umushingwamanza wa Uwamahoro agashavu kaduga, ati ni muze dutahure kumwe ivyanditse mu mategeko kuko uwu musi ushobora kuba uriko uraca urubanza, ejo nawe bakazoba bariko bararugucira. Uwamahoro Désiré mu karangiza yafashe bibiliya yiwe arayikiriza hejuru agira ati Nta wundi muntu azondenganura uretse Imana yonyene.

Ingénieur Côme Niyonsaba we nta mushingwamanza yari afise. Ivyo kwiregura ntivyamworohera kuko asanzwe atanonosoye amategeko. Yagirijwe guhungisha mu modoka yiwe Bunyoni amukura aho yaba akamujana kwinyegeza ku Mugoboka.

Kuri iyo ngingo, yireguye avuga ko ritari irya mbere yunguruza Bunyoni, ko umunsi amujana ku Mugoboka, yari agiye mu mirima yiwe.

Côme Niyonsaba yagirizwa kandi kuba yaraguze ikarata simu, azandikisha ku bakozi yari asanzwe akoresha mu kubaka, ariko agaca aziha Bunyoni kugira bazobandanye bazivuganirako, bahejeje agaca azivunagurakugira ntihagire uwuzobica ikanda."

Mu gusozera imburano, Alain Guillaume Bunyoni yasavye ko sentare itofatanya amatungo yamenyesheje igihe yagenwa kuba umushikiranganji wa mbere n’ayo atamenyesheje ico gihe, ntivuge ko yose yayaronse bidaciye mu mategeko. Yasavye kandi ko yokwezwa ivyaha vyose yagirizwa hanyuma amatungo yiwe ntafatwe n’ubutungane.

Bapfumukeko Samuel Destino, Désiré Uwamahoro na Côme Niyonsaba nabo basavye ko amahinyu ari mu vyegeranyo vy’urubanza rwa mbere yokosorwa hanyuma bakezwa ku vyaha bagirizwa.

Umushikirizamanza nawe yasavye ko bogumizwako ivyaha bagiriye mu rubanza rwa mbere. Kuri Bunyoni, hokongerwako ihadabu rigwijwe kabiri ku giciro c’amatungo yaronse bidaciye mu mategeko. Sentare yaciye ifata ingingo yo guha inomero imwe y’urubanza abo bose basangiye iyo dosiye.

Umukuru w’intahe yavuze ko urubanza rugiye mu mw’iherero, ikizowuvamwo kikazomenyekana mu kiringo kitarenga ukwezi.

Mu rubanza rwa mbere rwari rwaciwe ku wa 8 ukwa 12 umwaka wa 2023, Alain Guillaume Bunyoni yari yaciriwe gupfungwa uwo guherayo, gufatirwa amatungo yiwe yose. Abo bandi batatu basangiye urubanza bari baciriwe gupfungwa imyaka 15. Urubanza rwari rwatanguye isaha zine z’igitondo rwarangiye isaha umunani z’umutaga.

Forum

XS
SM
MD
LG