Uko wahagera

Burundi:Sentare Yanse ko Bunyoni Aburanira ku Mugaragaro Icaha co "Kugerageza Kwica Prezida"


Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi
Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi

Urubanza rw’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Alain Guillaume Bunyoni ejo ku wa mbere rwarumvirijwe mu ntahe y’icese ya Sentare Ntahinyuzwa yashashe mw'ibohero rikuru rya Gitega, ahapfungiwe Bunyoni.

Ivyaha vyose yagirizwa yaravyireguyeko icese imbere y'abari baje kumviriza urubanza rwiwe, kiretese icaha co guhakwa kugandagura umukuru w'igihugu hamwe no gutyoza inzego z'igihugu yireguye mu mwiherero bisabwe na sentare nubwo wewe yari yifuza ko avyiregura ku mugaragaro.

Bunyoni muri urwo rubanza yasiguye ko yunguruje kubera atashimye urubanza yakatiwe, rurimwo kwakwa amatungo yiwe yose agizwe n’amazu arenga 500 hamwe n’imiduga 53.

Emmanuel Gateretse nawe arongoye sentare ntahinyuzwa asigura ko mu rubanza rwa mbere Sentare itatse amatungo Bunyoni kandi itigeze iyaha agaciro kugira uwagirizwa akurikiranwe n’ingingo ya 58 ihana abagirizwa kurya ibiturire hamwe n’ivyaha bibikomokako.

Ku caha ca mbere c’amatungo adasiguritse Bunyoni yagirizwa, afashijwe n’umushingwamanza wiwe, bireguye bavuga ko igihe yashikirizwa amabanga yo kuba umushikiranganji wa mbere yari yayerekanye nk’uko amategeko abisaba.

Ayo yandi bamwagiriza avuga ko ari ayo yaronse mu gihe yamaze ari umushikiranganji wa mbere. "Hari n’ayandi matungo yari afise ariko ivyayo bitari bwatungane"

Umushikirizamanza Emmanuel Gateretse ntiyanyuzwe n'insiguro zatanzwe n'uruhande rwa Bunyoni kuko yaciye agira ati: " Bunyoni igihe yagenwa kuba umushikiranganji wa mbere, ntiyerekanye amatungo yiwe yose, amwe yarayanyegeje n’impaka kuko yari amatungo yaronse bidaciye mu mategeko."

Ku caha co gushaka gutembagaza ubutegetsi, Umushikirizamanza yavuze ko bimwe mu vyemezo ubutungane bufise, birimwo ubutumwa "Bunyoni yandikiraniye n'Umumenyeshamakuru Bob Rugurika atwara Radiyo RPA.

Mu kwiregura, Bunyoni Alain Guillaume n’umushingwamanza wiwe basiguye ko yarondeye Bob Rugurika nk’umumenyeshamakuru kandi ku neza y’igihugu amusaba gutohoza ku mazina y’abategetsi b’abarundi bashobora gukurikiranwa na sentare mpuzamakungu.

Ku kibazo c’icatumye Bunyoni avugana n’uwagirizwa gutembagaza ubutegetsi mu 2015, yishuye ko mu gihe yari akiri intwazangabo mu gipolisi, yari afise uburenganzira bwo kuronderera amakuru ahashoboka hose n’aho hoba ku mwansi.

Yanagirijwe kuba yarafumbatishije amafaranga Uwamahoro Désiré kugira bafashanye umugambi wo gutembagaza ubutegetsi bwa Prezida Ndayishimiye.

Désiré Uwamahoro, ari hagati kuri iyo foto. Aha, yari akikijwe n'abapolisi b'igisata yararongoye kijejwe kurwanya imigumuko mw'ibarabara ryo ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura.
Désiré Uwamahoro, ari hagati kuri iyo foto. Aha, yari akikijwe n'abapolisi b'igisata yararongoye kijejwe kurwanya imigumuko mw'ibarabara ryo ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura.

Bunyoni aragirizwa kandi inama zo mw’ibanga zakorewe imuhira iwe mu mugambi wo gutembagaza ubutegetsi bwa Prezida Ndayishimiye. Yisiguye avuga ko izo nama yazikora bariko barategura umugambi wo gushinga imangazini iranguza imiti, insiguro itanyuze umushikirizamanza.

Ku caha co kurondera inyungu z’umurengera, Bunyoni yagirijwe gupangisha inzu yiwe n’ubushikiranganji bw’umutekano yari arongoye. Nawe ati: :"Jewe nta bubasha nta n’uruhara nabigizemwo kuko amasezerano yateweko igikumu n’umushikiranganji ajejwe inyubako za Leta n’uw’ubutunzi hamwe n’umukenyezi wanje. N’aho nyene umushikirizamanza ntiyanyuzwe kuko yagize ati inzu yari iy’umuryango wa Bunyoni.

Ku caha kigira kane co guhungabanya ubutunzi bw’igihugu, yagirijwe ko yabitse amafaranga muhira iwe, harimwo na mvamakungu, akaja arayatanga uko ashaka kandi yategerezwa gukurikiza amategeko. Aha, yishuye ko ata tegeko na rimwe ririho ritubuza gutunga amahera mu mihana

Ku caha ca 5 co gutunga ibigwanisho bicira umuriro ata burenganzira abifitiye, Alain Guillaume Bunyoni yasavye ko ibigwanisho vyafashwe mu gihe c’isakwa vyokwerekanwa mu ntahe y’icese nk’icemeza. Umushikirizamanza nawe ati ni wibuke ko icegeranyo c’ibigwanisho vyatowe iwawe mwagiteyeko umukono n’umugore n’abana bawe. Bunyoni nawe ati nasinye kuko bariko barangirako iterabwoba mbere n’ico cegeranyo gikurwe muri dosiye yanje. Ibi, umushikirizamanza akaba yabandanije avyiyamiriza.

Mu mwiherero , Bunyoni yireguye ku caha co kugomba kugandagura umukuru w’igihugu no gutyoza inzego za Leta. Ariko uwagirizwa ivyo vyaha yashaka ko yiregura mu ntahe y’icese.

Uwundi yumvirijwe na Sentare, ni Bapfumukeko Destino Samuel. Uyu, yagirijwe kumena amabanga y’akazi no gushaka gutembagaza ubutegetsi. Yireguye avuga ko atumva ukugene yokwagirizwa ivyo vyaha kuko mu gihe yariko arakorwako amatohoza, atavyo yigeze abitohozwako. Umushikirizamanza nawe ati ntitwatohoje ku caha, twatohoje ku nyifato zagiye zirabaranga imbere yo gukora icaha, barahava bagiha izina.

N’agashavu kenshi, Bapfumukeko yaciye agira ati:" Uuwuriko aranyagiriza si we. Nibaza ko ibi ndiko ndagirizwa babitamitswe n’umuyobozi mwishikira mw’iperereza ari we Emmanuel Ndayiziga kuko twari dusanzwe dufitaniye amatati kandi yaguma ahiga ko azonkorera ikibi.

Ati sinumva n’ukugene dusangiye urubanza na Bunyoni tutigeze tuvugana kuva mu 2013 n’ubwo namusavye umubonano incuro 3 ariko ntawumpe. Ati uwabwiye Bunyoni ko bagomba kumusaka, si jewe, ni baronderere ahandi kuko nari mu karuhuko k’imisi 10 muri ico gihe. Noneho ati ndi umuntu muto cane, sinari gushobora kuvugana n’abariko barategura iryo sakwa."

Bapfumukeko yasavye ko Bunyoni ubwiwe yovuga uwamwibiye akabanga, nawe akezwa. Umushikirazamanza nawe yabwiye Destino ko Bunyoni ubwiwe yivugiye ko iyo nteguro yo gusakwa yayibwiwe na Destino. Uwo yagirijwe ivyo vyaha yasavye ko Silas Ntigurirwa nawe yene yozanwa muri urwo rubanza kuko ari we yamenye iryo banga akaribwira Destino, uwo nawe akarishikiriza Bunyoni. Ati mbega ko muvuga ko ku cegeranyo ca za nama hariko ayandi mazina, abo bandi ko mutabarengukije. Ivyo vyireguro ntivyanyuze umushikirizamanza.

Alain Guillaume Bunyoni yasavye kandi ko yotezurirwa akaburana yidegemvya kuko amagara yiwe atari meza. Ariko sentare ntiyabimwemereye kuko atabisavye imbere y’urubanza.

Abumvirije urubanza, ntibari barekuriwe kwinjirana ikintu na kimwe, yaba terefone canke ico cose umuntu ashobora kwandikako.

Forum

XS
SM
MD
LG