Umurwi w'imiryango y'abantu bagizwe imbohe n'abarwanyi b'umurwi Hamas mu gitero bakoze kuri Isirayeri mu mwaka urangiye w'i 2023, barasaba sentare mpuzamakungu mpanavyaha kwegeka ivyaha ku bayobozi b'uwo murwi.
Iyo miryango ivugira abagizwe imbohe n’abo irengero ryabo ritazwi, kuri uyu wa gatatu, batangaje ko urugendo rwabo muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha i La Haye rufise intumbero yo gusaba ko abayobozi b’umurwi Hamas bagirizwa ivyaha vyo kugira abantu imbohe, kubazimanganya, kubagiriza ivyaha bifatiye ku gitsina, kuboreza igufa abantu n’ibindi vyaha bikomeye.
Abarwanyi b’umurwi Hamas bagize imbohe abantu bagera ku 250 mu gitero bakoze ku butaka bwa Isirayeri kw’itariki 7 y’ukwezi kw’icumi mu mwaka urangiye. Ico gitero kandi cahitanye abantu 1200 hisunzwe ibiharuro vyashikirijwe n’abategetsi ba Isirayeri.
Abarenga 100 bari bagizwe imbohe bararekuwe mu kiringo c’agahengwe camaze indwi imwe mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka urangiye w’i 2023.
Ibiganiro vyerekeye agahengwe gashasha biriko biraba, harimwo ivyabaye, ejo ku musi wa kabiri, i Kayiro mu Misiri vyahuje abategetsi bo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Isirayeri, Katari na Misiri.
John Kirby, umuhanuzi ku bibazo vyerekeye umutekano w’igihugu mu biro vya perezida wa Amerika, ejo ku musi wa kabiri, yabwiye abamenyeshamakuru ko ibiganiro biriko biraba ari ngirakamaro kandi ko biriko bitera bija mu nzira nziza. (VOANEWS)
Forum