Uko wahagera

Amerika Iratewe Umutima Uhagaze n’Amajambo Ya Prezida Ndayishimiye w'Uburundi


Matthew Miller, umuvugizi w'ubushingiranganji bw'imigenderanire n'ayandi makungu ya Reta Zunze ubumwe za Amerika
Matthew Miller, umuvugizi w'ubushingiranganji bw'imigenderanire n'ayandi makungu ya Reta Zunze ubumwe za Amerika

Reta Zunze ubumwe za Amerika ziratewe umutima uhagaze n’amajambo y’umukuru w’igihugu c’Uburundi yerekeye “umugwi w’abantu b’inkehwa bafatwa nk’ibicibwa”.

Ivyo Reta ya Amerika ibishikirije inyuma y’aho umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye aheruka kwiyamiriza yivuye inyuma abakundana bahuje ibitsina.

Mw’itangazo ry’ayo, Reta zunze ubumwe za Amerika zerekana ko umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yibasiye “abo bantu bameze nk’ibicibwa mu gihugu”.

Amerika ivugako ko amajambo yiwe ahungabanya uburenganzira bw’abo bantu uko bari kose.

“Turahamagariye abategetsi b’Uburundi kwubahiriza agateka k’abantu bose atanumwe akumiriwe. Umwe wese akwiye kuronka ukwishira n’ukwizana mu butungane, mu kubaho mu kibano uko ameze kwose”, uko ni ko Matthew Miller, umuvugizi w'ubushingiranganji bw'imigenderanire n'ayandi makungu yavuze.

N’aho Miller atadoma urutoke kuri uwo mugwi w’abantu, Prezida Ndayishimiye wewe yaheruka gushikiriza ko “abakundana bahuje itsina bakwiye gushirwa ku kibuga bagaterwa amabuye”.

Kuri Prezida Ndayishimiye, “uwobikora gutyo nta gicumuro yoba akoze kuko bene abo bantu bazanira umuvumo igihugu”. Yongeyeko ko “imfashanyo zitangwa n’abashigikiye Uwo muvumo” atazo igihugu ciwe gikeneye.

Yamara reta y’a Amerika ivuga ko kwubahiriza agateka k’abo bantu “bameze uko” vyotuma n’imibereho yabo itera imbere, gutyo ubutunzi bw’igihugu muri rusangi bukisununura.

N’abo bahuza ibitsina babisangiye baheruka gutangariza Ijwi rya Amerika ko batewe ubwoba n’ayo majambo y’a Perezida Ndayishimiye. Bavuga ko “badakwiye kuzira uko baremwe hamwe n’uko bari”.

Bongeyeko ko bamwe muri bo bashobora kuzira urwikekwe. Bagasaba ko bohumurizwa, kuko kubw’abo “umukuru w’igihugu akwiye kububahiriza”.

Bati: “Ni ukuri ntivyari bikwiye kuvugwa n’umukuru w’igihugu. Igiteye ubwoba kinateye n’amakenga ni uko asa n’uwahamagariye abantu kwica abandi bahorwa ivyo bemera canke uko baremwe. Guterwa amabuye, oya na wenu!”.

Uwuserukira Uburundi mu gihugu c’Ububiligi yaragerageje gutanga umuco kuri iyo mvugo y’umukuru w’igihugu.

Ambassaderi Therence Ntahiraja yabwiye Ijwi ry’Amerika ko abantu benshi batumvise imvugo igobetse y’umukuru w’igihugu.

Yagize ati : “Prezida Ntiyigeze ahamagarira abantu kwicisha amabuye abahuza ibitsina babisangiye. Ahubwo yashatse gukoresha imvugo ifobetse yo muri Bibiliya kugira yerekane ingene ivyo bikorwa ari bibi kandi biteye kubiri n’umuco, akaranga n’amategeko vy’Uburundi”.

Igitabo mpanavyaha mu Burundi gihanisha ico caha umunyororo uri hagati y’amezi atatu n’imyaka ibiri.

Forum

XS
SM
MD
LG