Bamwe mu bakundana basangiye ibitsina mu Burundi bafise ubwoba ko agateka k’abo gashobora guhungabanywa. Ni inyuma y’aho Perezida w’Uburundi avugiye ko bene abo bantu “bakwiye kwegeranirizwa hamwe bagaterwa amabuye”. Abaharanira agateka ka kiremwa muntu nabo nyene babonako iyo mvugo ikarishe.
Ijwi ry'Amerika ryaganiriye n'amashiramwe abiri mu yaharanira inyungu z’abahuza ibitsina babisangiye mu Burundi. Umwe mu barongoye ayo mashirahamwe atashatse ko amazina yiwe amenyekana kubera umutekano wiwe yabwiye Ijwi rya Amerika ko amajambo yashikirijwe na Prezida Evariste Ndayishimiye kuri bene abo bantu adahumuriza na gato.
Mu butumwa bwanditse yagize ati: “Jewe rero mpisemwo kwandika." Ati: “Ni ukuri ntivyari bikwiye kuvugwa n’umukuru w’igihugu. Erega ni agateka kabo kandi bakwiye kwubahirizwa nk’abandi bose baba babana canke bahuza ibitsina babisangiye. Igiteye ubwoba kinateye n’amakenga ni uko asa n’uwahamagariye abantu kwica abandi bahorwa ivyo bemera canke uko baremwe. Guterwa amabuye, oya na wenu! Biraduteye ubwoba twese. Uretse ko n’ubundi tutabivugira hejuru ubu hoho ntihazobura n’uwikika mu kiza akaduhohotera yitwaje ayo majambo. Kuzira ico umuntu atakoze, ahubwo akazira ico ari, turagowe! Turakeneye guhumurizwa!”
Abo bafise amakenga ko n’ishirahamwe ryabo rishobora gufutwa kandi ryariko rifasha benshi mu kurwanya umugera wa Sida.
Amajambo yaciye ivutu ababana canke abahuza ibitsina babisangiye, umukuru w’igihugu yayashikirije ku ndwi iheze mu kiganiro yahaye abanyagihugu n’abamenyeshamakuru co kurangiza umwaka.
Guterwa amabuye
Ndayishimiye ntakozwa bene abo bantu, ndetse hari igihano gikomeye yipfuza ko bohabwa: “Guterwa amabuye”.
Umushingwamanza Gustave Niyonzima, avuga ko biteye ubwoba kuko ijambo ry’umukuru w’igihugu rifatwa nk’itegeko.
Uwuserukira Uburundi mu gihugu c’Ububiligi yagerageje gutanga umuco kuri iyo mvugo y’umukuru w’igihugu. Ambassaderi Therence Ntahiraja yabwiye Ijwi ry’Amerika ko abantu benshi batumvise imvugo igobetse y’umukuru w’igihugu. Yari yatwemereye kuvugira kuri micro zacu, ariko hasigaye iminota 12 kugira tumuhamagare, yahavuye aduhakanira ko bitagikunze.
Mw’itangazo ryiwe ryo kuri uyu wa kabiri, Ambasaderi Ntahiraja yavuze ko abantu benshi harimwo n’amaradiyo mpuzamakungu atatahuye imvugo y’umukuru w’igihugu.
Yanditse ati: “Ntiyigeze ahamagarira abantu kwicisha amabuye abahuza ibitsina babisangiye. Ahubwo yashatse gukoresha imvugo ifobetse yo muri Bibiliya kugira yerekane ingene ivyo bikorwa ari bibi kandi biteye kubiri n’umuco, akaranga n’amategeko vy’Uburundi”.
Yongeye ko ati : “Ni muri iyo ntumbero ntanze umuco aho nserukira mu bihugu vya Bulaya no mu bafasha Uburundi bugendera ku mategeko, ko ico caha butogikora, ahubwo ko hakurikizwa igitabo mpanavyaha”.
Yamara, abo nyene bafasha Uburundi, umukuru w’igihugu yababwiye ko imfashanyo zishigikira abahuza ibitsina babisangiye ataco igihugu arongoye gikeneye.
Uko biri kose, Maitre Janvier Bigirimana, atwara ishirahamwe «Tournons La Page », riharanira agateka ka zina muntu, abona ko n’ico gihano cari gikwiye kuva mu gitabo mpanavyaha.
Ligue Iteka, irindi shirahamwe ryigenga mu Burundi ribona ko imvugo y’umukuru w’igihugu izosubiza inyuma ubwigenge bwo kwivuga, kugira agateka kerekeye ibanga ry’ivyo bakora, kwararazwa no gufatwa nk’ibicibwa mu gihugu kuri abo bahuza ibitsina babisangiye.
Mu ntango z’umwaka uheze, abantu 24 bo muri iryo shirahamwe riharanira inyungu z’abahuza ibitsina babisangiye, barafashwe barafungwa I Gitega. Bamwe baragiriye n’ico caha, abandi bararekurwa ndetse umwe muri bo yasize ubuzima mw’ibohero rikuru rya Gitega.
Izo mpari zije inyuma y’abo umwungere wa Ekleziya Katolika, Papa Faransisiko, yemereye ko abihebeye Imana baha “imihezagiro” ababana bahuje ibitsina ariko ko “bazokwubakana rukwistu”.
Forum