Uko wahagera

Amerika Yatangaje Umuriyaridi 1.3$ Imfashanyo y'Inyongera kuri Ukraine


Inama yo gufasha Ukraine yabereye i Londres mu Bwongereza, kw'itariki ya 21/06/2023
Inama yo gufasha Ukraine yabereye i Londres mu Bwongereza, kw'itariki ya 21/06/2023

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, uno musi ku wa gatatu, zatangaje iyindi mfashanyo y'umuliyaridi n'imiliyoni amajana atatu z’amadolari igenewe Ukraine.

Iyo nkuru yatangajwe uno musi ku wa gatatu, n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, mu nama igenewe gusubira gusanura ivyasambutse muri Ukraine, yabereye i Londres, mu Bwongereza. Yavuze ko Amerika yiteguriye gufasha Ukraine gusubira kwubaka ivyasambutse, kunagura ubuzima bw’abanyagihugu, igihugu na kazoza kaco.

Blinken yongeye avuga ko Uburusiya buzoruhira kuriha amafranga y’indishi ku bitero buriko bukora muri Ukraine. Yatangaje ko Uburusiya bubandanya gusambura Ukraine, kandi ko kubera izo mvo, buzoruhira kuriha igice kinini c’amafranga azoba agenewe gusubira kwubaka Ukraine.

Ivyo Blinken yatangaje bisa n’ivyashikirijwe n’abategetsi b’Ubwongereza n’umuryango w’Ubumwe bwa Bulaya.

Iyo mfashanyo mu vy’ubutunzi igenewe Ukraine ivuye mu mafaranga aza yaremejwe na Congre ya Amerika, yiyongeye ku miliyaridi 63 z’amadolari Amerika yahaye Ukraine kuva Uburusiya buteye ico gihugu mu kwezi kwa kabiri, mu mwaka w’i 2022.

Imfashanyo y’imiliyaridi 40 y’amadolari yatanzwe mu birwanisho no mu bundi buryo bwo gushigikira umutekano wa Ukraine. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG