Ukraine itangaza ko yisubije uburere 8 mu bwo Uburusiya bwari bwarigaruriye mu ntambara ibandanya hagati y'ivyo bihugu bibiri. Mu bice Ukraine yemeza ko yisubije, harimwo igisagara ca Piatykhatky kiri mu karere ka Zaporizhzhia.
Icegera c’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi muri Ukraine, Hanna Maliar, yatangaje ko muri rusangi mu kiringo c’indwi zibiri ziheze, Ukraine yisubije ibirometero kwadarato 113 yari yaranyazwe n’Uburusiya.
Hanna Maliar asigura ko mu maj'epfo ya Ukraine intambara yacureshe gato, kandi Ukraine yateye intambwe ishimishije mu rugamba rwo gusubira kwigaruria uburere bwayo buri mu minwe y’Uburusiya muri ico gice.
Mu gisagara ca Bakhmout, Ukraine ivuga ko Uburusiya bwahongereje ingabo mu ntumbero yo gutangira Ukraine, kandi bwahateye amabombe menshi. Ukraine yemeza ko muri ico gice yaharasiye indege zine z’Uburusiya zitagira umudereva zakorewe muri Irani, yongera isambura misile 4 z’Uburusiya.
Abahinga batandukanye mu vya gisirikare bavuga ko Ukraine isa nk’iyicifata mu kugaba ibitero vyo kwisubiza uburere bwayo. Abo bahinga basigura ko ibitero ikora, ibigaba yiga aho ikwiye gushira inguvu nyinshi.
Mu gihe Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy yatangaje ko Uburusiya bubwirizwa kuva mu burere bwose bwa Ukraine bwigaruriye, Uburusiya bwo busanga umugambi wa Ukraine wo kwisubiza bimwe mu bibanza bwigaruriye ari indoto zitazoshika.
Facebook Forum