Ishami rya ONU ryitaho impunzi, HCR, rivuga ko abanyagihugu bamaze guhunga intambara ibandanya muri Sudani barenze ibihumbi 700.
Mu biharuro vyaryo bishasha, ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abimukira, OIM, naryo rivuga ko abegeranirijwe mu makambi yo hagati mu gihugu bababa ibihumbi 670.
Ingwano y’impande zibiri z’abasirikare barwanira ubutegetsi muri Sudani yatanguye mu kwezi guheze kwa kane. Akatari gake, abashamiranye baremeye gutanga agahengwe ariko ntibakubahirije. Abatandukanye batangarije Ijwi ry’Amerika ko ejo ku wa mbere, umurwa mukuru wa Sudani, Khartoum, wagabweko ibitero vy’indege, wongera wumvikanamwo amasasu menshi y’inkoho.
Ejo ku wa mbere, intumwa z’abaserukira abashamiranye zarahuriye muri Arabiya Sawudite mu biganiro vyari bitumbereye ahanini kuraba ingene hoboneka agahengwe. Ivyo biganiro bitumbereye kandi korohereza abagira neza gushikana imfashanyo mu banyagihugu bakeneye imfungurwa, imiti n’uburaro. Ariko umutegetsi wa Arabiya Sawudite yatangaje ko ata kinini kirava muri ivyo biganiro biriko bihuza abarwana. Uwo mutegetsi yavuze kandi ko uruhande rwose rurwana rwizeye kuzotsinda urugamba biciye mu ntambara.
Mu bamaze kwemerera Sudani imfashanyo, harimwo Arabiya Sawudite. Yemeye gutanga imiriyoni 100 z’amadorari. (AP, Reuters, AFP)
Facebook Forum