Uko wahagera

Amakamyo 6 Atwaye Imfashanyo Yasahuwe mu Ntara ya Darfur


Amakamyo atandatu atwaye imfashanyo y'ibifungurwa mu ntara ya Darfur yasahuwe kuri uyu wa gatatu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ryaciye ritera akamo risaba ko hafatwa ingingo zihutirwa zikomeye zokworohereza itangwa ry'imfashanyo ku banyagihugu bazikeneye muri Sudani.

Martin Griffiths, umutegetsi akomeye ajejwe ibikorwa vy’ugutabara mw’ishirahamwe ONU yatangaje ko bategerezwa guhumurizwa n’impande zirwana muri Sudani ko ziyemeje gukingira imfashanyo zigenewe abanyagihugu. Yabwiye abamenyeshamakuru, ari muri Sudani, akoresheje videwo, ko bakeneye kwumvikana n’abategetsi bo ku rwego rwo hejuru kandi bikaba ku mugaragaro.

Griffiths yashitse, mu masaha ya kare yo ku musi wa gatatu mu gisagara kirimwo ikivuko ca Port Sudan kiri kw’ibahari itukura, mu gikorwa cihutirwa c’ugutora uburyo bw’ugushikana imfashanyo ku banyasudani imiliyoni n’imiliyoni basinzikajwe n’ingwano yadutse haheze hafi y’indwi zibiri.

Uyu mutegetsi wa ONU yatangaje ko bahawe amakuru na PAM ko amakamyo 6 yari ajanye imfashanyo mu ntara ya Darfur yo mu burengero yasahuwe, ku musi wa gatatu, igihe zari mu nzira. Vyabaye naho abazitanga bari bahumurijwe ku bijanye n’umutekano.

Griffits yatangaje ko bari bafise imigambi y’ugutanga imfashanyo zikenewe ku banyagihugu basinzikaye muri iki gihe muri Sudani. Ivyatangajwe na Griffits bibaye umusi umwe inyuma y’uko Sudani yo mu bumanuko itangaje ko impande zitana mu mitwe muri Sudani zumvikanye mu bisanzwe ku gahengwe kw’imisi indwi. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG