Uko wahagera

RDC: Abahitanywe n'Imyuzure y'Imvura Bageze Hafi ku 400


Abakozi ba Croix rouge hamwe n'abanyagihugu bo mu karere ka Nyamukubi bazigira mu buengeti abishwe n'imvura mu buseruko bwa RDC, kw'itariki ya /05/2023.
Abakozi ba Croix rouge hamwe n'abanyagihugu bo mu karere ka Nyamukubi bazigira mu buengeti abishwe n'imvura mu buseruko bwa RDC, kw'itariki ya /05/2023.

Abahitanywe n’imyuzure yatewe n’imvura mu ndwi iheze muri Repuburika ya demokarasi ya Kongo biyongereye gushika hafi ku bantu 400.

Abategetsi bavuga ko abantu benshi bakiburiwe irengero. Iyo mvura yabangamiye cane uturere twa Bushushu na Nyamukubi.

Ibitigiri vy’abapfuye vyatumye abanyagihugu bihutira gupfuba abantu mu binogo rusangi.

Reta ya Kongo yatangaje kuri uyu wa mbere ko ari umusi w’ikigandaro mu gihugu cose. Iyo mvura yaraguye cane no mu bihugu vya Uganda na Kenya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG