Impande zirwana muri Sudani zumvikanye kuri uyu wa kabiri ku gahengwe k'imisi 7 kuva kw'italiki 4 y'uku kwezi kwa gatanu.
Izo mpande zumvikanye kuri ako gahengwe mu biganiro zagiranye kuri telefone na Prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir. Ibi vyatangajwe, kuri uyu musi wa kabiri, n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Sudani yo mu bumanuko. Vyatanze icizere ko ingwano yasheshe amaraso ishobora guhagarara.
Prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir, yavuganye na Jenerali Abdel Fattah al-Burhan, ayoboye igisirikare ca reta na Mohamed Hamdan Dagalo, ayoboye inteko ziyonkoye kuri reta. Biri mu mugambi w’ishirahamwe rijejwe iterambere mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko, IGAD, ririko rigerageza kuraba ko ingwano ihagarara muri Sudani. Iryo shirahamwe ryishuye akamo katewe n’ishirahamwe ry’ubumwe bw’ibihugu vya Afrika n’amakungu.
Umukuru w’igisirikare ca Sudani, Abdel Fattah al-Burhan, n’icegera ciwe barwanira ubutegetsi, Mohamed Hamdan Dagalo bumvikanye mu bisanzwe ku gahengwe k’imisi 7 kuva kw’italiki 4 gushika kw’italiki 11 z’uku kwezi kwa gatanu.
Impande zirwana zumvikanye kandi ku vyerekeye kugena abazoziserukira mu biganiro vy’amahoro bitegekanijwe kubera mu kibanza zizohitamwo.
Abantu amajana n’amajana barishwe abandi ibihumbi n’ibihumbi barakomereka mu ngwano muri Sudani mu gihe ibitero vy’indege z’ingwano na vya muzinga vyakozwe mu bice bitari bike vy’umurwa mukuru, Khartoum. Vyatumye abanyasudani ibihumbi n’ibihumbi bahungira mu bihugu bibanyi. (Africanews)
Facebook Forum