Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abimukira, OIM, ritangaza ko abagera ku bihumbi 334 ari bo bamaze kwegeranirizwa mu makambi yo hagati mu gihugu kuva impande zibiri zirwanira ubutegetsi zitanguye gushamirana muri Sudani.
Mu kiganiro ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abimukira, OIM, ryagiranye n’abamenyeshamakuru I Geneve mu Busuwise, ryavuze ko abamaze kumenyekana ko bahungiye mu bihugu bihana imbibe na Sudani barenga ibihumbi ijana.
Ku rundi ruhande, ishirahamwe mpuzamakungu ONU, naryo mu bitigiri vyaryo ngereranyo, ryerekana ko ryiteze abagera ku bihumbi 815 bazohunga Sudani.
Muri abo ibihumbi 815, ONU ivuga ko hazoba harimwo abanyagihugu ba Sudani n’impunzi zituruka mu bindi bihugu zari zarahungiye muri Sudani.
Ku bwa ONU, benshi mu bazohunga intambara muri Sudani bazohungira mu bihugu indwi vyegeranye n’ico gihugu. Abo ONU yemeza ko bamaze guhungira mu bindi bihugu kuva intambara itanguye muri Sudani bababa bihumbi 73.
Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu muri Sudani buvuga ko abagera ku 500 bamaze kurwa mu ntambara y’impande zirwanira ubutegetsi bwa Sudani. Abakomeretse ku bw’ubwo bushikiranganji barenga 4000.
Hagati aho, impande zirwana ntizubahirije agahengwe k’amasaha 72 zari zemeye gutanga: Uno munsi ingwano yabandanije mu bice bitandukanye vy’ico gihugu. Twibutse ko intambara muri Sudani yatanguye mu kwezi guheze kwa kane. (VOA News)
Facebook Forum