Abarwanyi b'umurwi al-Shabab uno munsi ku wa kabiri basubiye kwigarurira ikambi y'igisirikare iri mu ntara ya Jubbaland mu bumanuko bwa Somaliya bari batakaje mu gitero c'inteko za reta mu kwezi kwa mbere kw'uyu mwaka.
Umurwi al-Sahabab wemanze ko ari wo wakoze ico gitero co ku musi wa kabiri.
Mw’itangazo wasohoye, wamenyesheje kandi ko abarwanyi bawo bafashe ibirwanisho vyose vyari muri iyo kambi.
Inteko zo mu ntara ya Jubbaland zari zafashe iyo kambi yari mu minwe ya al-Shabbab mu kwezi kwa mbere kw’uyu mwaka, mu bitero zatanguye gukora mu gice co hagati muri Somaliya, imbere y’uko zitera zija mu bumanuko bw’igihugu.
Umurwi al-Shabab wakoze igitero kw’ikambi y’igisirikare iri ahitwa Janay Abdale, hafi y’ibilometero 60 mu burengero bw’igisagara kirimwo ikivuko ca Kismayo. Umusirikare w’intwazangabo, Abdullahi Hussein, yatangarije itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters. Yamenyesheje ko umurwi al-Shabab waciye uburyo bwo guhanahana amakuru muri ico gice, kandi ko reta yarungitse abandi basirikare.
Abasirikare ba reta n’abarwanyi baserukira imiryango bakorana nabo, baragwanije bikomeye umurwi al-Shabab ukorana n’umurwi al-Qaida, mu mwaka uheze. Yamara uwo murwi wagumye werekana ubushobozi bwawo bwo kwivuna ibitero bikomeye ku ruhande rwawo.
Nta ngwano yabaye mu ndwi irangiye. Ivyo vyatumye haba urukurukuru muri Somaliya ko ibitero vy’inteko za reta vyahagaze. Yamara reta yatangaje ko yahagaritse ivyo bitero mu kiringo gitoyi imbere y’uko itangura incuro ikwirikira y’ibikorwa vya gisirikare. (Reuters)
Facebook Forum