Uko wahagera

Isanganya ya Kajugujugu muri Somaliya Yahitanye Batatu


Kajugujugu ya AMISOM
Kajugujugu ya AMISOM

Abantu batatu barapfuye abandi umunani barakomereka inyuma y’isanganya y’indege ya kajugujugu y’inteko z’ubumwe bwa Afrika muri Somaliya, ku musi wa gatandatu mu ntara ya Lower Shabelle.

Itangazo ryasohowe n’umurwi w’ubumwe bwa Afrika muri Somaliya (ATMIS), ryavuze ko iyo kajugujugu, yari itwaye abantu 11. Barimwo abasirikare ba Somaliya, bari mu myimenyerezo ya gisirikare.

Iryo tangazo ntiryatanze amakuru arenze ayo kuri abo bapfuye, haba ibihugu bamukamwo, ariko amatohoza yatanguye kugira bamenye icateye iryo sanganya.

Umurwi w’ubumwe bwa Afrika muri Somaliya, ATMIS uriko urafasha reta mu ntambara irimwo n’umurwi w’iterabwoba wa al Shabab.

Uwo muhari ushamikiye kuri al Qaida, umaze imyaka irenga cumi urwana, mu ntumbero yo gukura reta ya Somaliya kugira ushireho ubutegetsi bwawo bugendera ku mabwirizwa ya kiyisilamu. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG