Uko wahagera

Amerika Izofashisha Somaliya Imiriyoni 41 z'Amadolari


Ambasaderi Linda Thomas Greenfield mu nama n'abafasha Somaliya
Ambasaderi Linda Thomas Greenfield mu nama n'abafasha Somaliya

Ambasaderi Linda Thomas-Greenfield, aserukira Reta zunze ubumwe za Amerika muri ONU, yatangaje kuri uyu w’Imana ko Amerika izotanga imiriyoni zirenga 41 z’amadolari yo gufasha abantu bugarijwe n’ubukene hamwe n’inzara muri Somaliya. Ayo mafaranga Amerika izoyacisha mu kigo cayo USAID kijejwe iterambere kw’isi.

Ambasaderi Thomas-Greenfield aho yari i Mogadishu yavuze ko uko vyifashe muri Somaliya birenze urupimo ugereranije n’ibindi bice vy’isi. Yavuze ko urusobekerane rw’ihungabana ry’ibidukikije, ubukene bw’ibifungurwa bwatewe na Covid-19 hamwe n’intambara vyatumye abanyagihugu binjira mu bukene bw’ibifungurwa muri Somaliya.

Kuva mu ntango za ​2022, Amerika imaze gufashisha abanyagihugu muri Somaliya umuriyaridi 1.3 w’amadolari. Mu mwaka uheze Amerika yatanze ibice 80 kw’ijana vy’amafaranga igisagara ca ONU cita ku bifungurwa PAM gikoresha mw’ihembe rya Afrika.

Iyi mfashanyo nshasha ije mu gihe Somaliya irushiriza kwinjira mu bihe vy’ubugaragwa aho imvura yataze mu gihugu, bituma abanyagihugu baja mu bihe vyo kwihebura. (VOANews)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG