Uko wahagera

Ambasaderi wa Amerika muri ONU Aragendera Afrika muri Iyi Ndwi


Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe za Amerika muri ONU, Linda Thomas Greenfield
Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe za Amerika muri ONU, Linda Thomas Greenfield

Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe za Amerika muri ONU, Linda Thomas Greenfield, aragendera Ghana, Mozambike na Kenya muri iyi ndwi. Uru rugendo rutumbereye gushira mu ngiro ivyumvikanyweko mu mubonano wahuje Amerika n’abategetsi ba Afrika mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka uheze.

Uyu mutegetsi wo muri reta ya Amerika yavuze ko urugendo rwiwe rwo muri uku kwezi kuva kw’itariki ya 25 gushika 29, ruzoshimikira ahanini ku bibazo bijanye n’umutekano, ubukene bw’ibifungurwa, kugarukira ku bakeneye imfashanyo. Ibindi ni gufasha umugabane wa Afrika mu twigoro twawo two guhangana n’ihindagurika ry’ibihe.

Ambasaderi Thomas-Greenfield azosangayo umushikiranganji wa Amerika w’ubutunzi, Janet Yellen, ariko aragendera Senegal, Zambiya na Afrika y’Epfo. Umushikiranganji Yellen we ariko arakomeza imigenderanire muvy’ubutunzi hagati ya Amerika na Afrika, harimwo no kwagura ibisata vyo guhanahana ibidandazwa no gushinga imitahe.

Prezida Joe Biden yemereye Afrika imiriyaridi zirenga 15 z’amadolari zo gushira mu gisata c’ubudandaji no gushira imitahe muri ico gihugu.

Thomas-Greenfield, yarigeze kuba ambasaderi wa Amerika muri Liberiya, yongera aba icegera c’umushikiranganji w’imigenderanire ku biraba Afrika. Buzoba bugize gatatu agendera umugabane wa Afrika kuva abaye ambasaderi wa Amerika muri ONU, mu kwezi kwa kabiri 2021. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG