Uko wahagera

Abimukira 95 Batabawe ku Nkengera za Buraya


Abimukira 230 mu bwato bwa Ocean Viking berekeza mu Bufaransa mw'ibahari Meditarane, kw'itariki ya 10/11/2022
Abimukira 230 mu bwato bwa Ocean Viking berekeza mu Bufaransa mw'ibahari Meditarane, kw'itariki ya 10/11/2022

Ubwato bw’Ubufaransa bitwa Ocean Viking bwatabaye abimukira 95 ku nkengera z’amazi ya Libiya kuri uyu wa gatatu, ariko bane baburiwe irengero. Abatabawe bavuze ko ababuriwe irengero bashobora kuba baguye mu mazi imbere yuko batabarwa.

Abakozi b’ishirahamwe ry’abagiraneza, SOS Mediterranee, ubwo bwato bwegukira, bavuga ko barondeye abo bazimiye amasaha atari make ariko barababura.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira, OIM, rivuga ko umuhora wo mw’ibahari Mediterane ari yo nzira ihurumbirwa cane n’abimukira benshi. Rigereranya ko abashika 1,377 baburiwe irengero muri uyo muhora muri 2022. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG