Ubwato bw’Ubufaransa bitwa Ocean Viking bwatabaye abimukira 95 ku nkengera z’amazi ya Libiya kuri uyu wa gatatu, ariko bane baburiwe irengero. Abatabawe bavuze ko ababuriwe irengero bashobora kuba baguye mu mazi imbere yuko batabarwa.
Abakozi b’ishirahamwe ry’abagiraneza, SOS Mediterranee, ubwo bwato bwegukira, bavuga ko barondeye abo bazimiye amasaha atari make ariko barababura.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira, OIM, rivuga ko umuhora wo mw’ibahari Mediterane ari yo nzira ihurumbirwa cane n’abimukira benshi. Rigereranya ko abashika 1,377 baburiwe irengero muri uyo muhora muri 2022. (AFP)
Facebook Forum