Uko wahagera

Esupanye Yagirizwa Kuba Intandaro y'Urupfu rw'Abimukira 23 i Melilla


Igiporisi ca Esupanye gihwamika imigumuko ku rubibe na Maroke, kw'izinga rya Melilla
Igiporisi ca Esupanye gihwamika imigumuko ku rubibe na Maroke, kw'izinga rya Melilla

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu ariko araremera reta ya Esupanye ku rupfu rw’abimukira 23 inyuma y’aho ibihumbi vy’abimukira bakubaguriwe ku rubibe rugabura Afrika n’Uburaya, hagati ya Maroke n’izinga rya Melilla.

Abo bimukira bapfuye mu musunikano igihe abashika 2000, benshi bamuka muri Sudani, bavogereye uruzitiro rw’imetero zitandatu z'uburebure bagerageza kurengana urwo rubibe kw’itariki ya 24 y’ukwezi kwa gatandatu. Ishirahamwe ryo muri Maroke riharanira agateka ka muntu ryavuze ko abimukira 77 baburiwe irengero ico gihe.

Umushikirizamanza mukuru wa Esupanye hamwe n’umuhuza w’igihugu baruguruye amatohoza. Kandi ivyayavuyemwo bishobora guhungabanya poritike za Esupanye na Maroke.

Amashirahamwe afasha abimukira hamwe n’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bagirije amareta ya Esupanye na Maroke kuba barapfukiriye ivyabaye kandi batarondeye ababuriwe irengero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG