Uko wahagera

Aloys Niyoyita: Agnes Nindorera Asize Iragi Rikomeye mu Mwuga


Aloys Niyoyita: Agnes Nindorera Asize Iragi Rikomeye mu Mwuga
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:58 0:00

Agnes Nindorera yahoze akorera Ijwi ry'Amerika yitavye Imana. Aloys Niyoyita, umwe mu bamenyeshamakuru bigishijwe umwuga na Agnes Nindorera yabwiye umumenyeshamakuru w'ijwi ry'Amerika, Diane Nininahazwe, iragi Nyakwigendera asize n'ico azokwibukirwako mu mwuga.

Umupfasoni Agnes Nindorera yahoze akorera Ijwi ry'Amerika yitavye Imana. Yashengeye kuri uno wa gatanu inyuma yo kurwara umwanya muto cane.

Hambavu y'Ijwi ry'Amerika yakoreye mu Burundi, Agnes Nindorera yarakoreye kandi Studio Ijambo y'Abanyamerika hamwe n'itororokanirizo ry'amakuru y'Abafaransa, AFP, mu Burundi. Agnes Nindorera yarigeze gukorera n'itororokanirizo ry'amakuru ya reta mu Burundi.

Nyakwigendera Nindorera yigeze no gutwara ishirahamwe ry'abapfasoni n'abakobwa b'abamenyeshamakuru mu Burundi, AFJO, aba n'umwe mu bagize imihari y'abakenyezi iharanira amahoro n'umutekano mu Burundi.

Aloys Niyoyita, umwe mu bamenyeshamakuru bigishijwe umwuga na Agnes Nindorera yabwiye umumenyeshamakuru w'ijwi ry'Amerika, Diane Nininahazwe, iragi asize n'ico azokwibukirwako mu mwuga.

XS
SM
MD
LG