Uko wahagera

Agnes Nindorera Yakoreye Ijwi ry'Amerika Yitavye Imana


Agnes Nindorera, yahoze akorera Ijwi ry'Amerika mu Burundi
Agnes Nindorera, yahoze akorera Ijwi ry'Amerika mu Burundi

Umupfasoni Agnes Nindorera yahoze akorera Ijwi ry'Amerika yitavye Imana. Yashengeye kuri uno wa gatanu inyuma yo kurwara umwanya muto cane.

Hambavu y'Ijwi ry'Amerika yakoreye mu Burundi, Agnes Nindorera yarakoreye kandi Studio Ijambo y'Abanyamerika hamwe n'itororokanirizo ry'amakuru y'Abafaransa, AFP, mu Burundi. Agnes Nindorera yarigeze gukorera n'itororokanirizo ry'amakuru ya reta mu Burundi.

Nyakwigendera Nindorera yigeze no gutwara ishirahamwe ry'abapfasoni n'abakobwa b'abamenyeshamakuru mu Burundi, AFJO, aba n'umwe mu bagize imihari y'abakenyezi iharanira amahoro n'umutekano mu Burundi.

Aloys Niyoyita, umwe mu bamenyeshamakuru bigishijwe umwuga na Agnes Nindorera yabwiye umumenyeshamakuru w'ijwi ry'Amerika, Diane Nininahazwe, iragi asize n'ico azokwibukirwako mu mwuga.

Aloys Niyoyita: Agnes Nindorera Asize Iragi Rikomeye mu Mwuga
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:58 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG