Uko wahagera

Afrika y'Epfo: Abashingamateka Bagumije Icizere kuri Prezida Ramaphosa


Prezida wa Afrika y'Epfo, Cyril Ramaphosa avuye mw'ikoraniro kaminuza rya ANC i Johannesburg, Afrika y'Epfo, kw'itariki ya 05/12/2022
Prezida wa Afrika y'Epfo, Cyril Ramaphosa avuye mw'ikoraniro kaminuza rya ANC i Johannesburg, Afrika y'Epfo, kw'itariki ya 05/12/2022

Inama nshingamateka ya Afrika y’epfo yakoranye kuri uyu wa kabiri itora ihakana gutanguza ibikorwa vyo kubogoza Prezida Cyril Ramaphosa ku butegetsi. Iri tora rije inyuma ya raporo y’abashingamateka yagiriza Ramaphosa kuba yabitse amadolari 580,000 mu ntebe, mu kibanza akoreramwo inkino c’i Phala Phala. Iyo raporo ivuga ko atabwiye igiporisi uwivye ayo mafaranga kugira yirinde kubazwa aho yayakuye n’impamvu atabibwiye abategetsi.

Umugambwe uri ku butegetsi, ANC, wiganje mu nama nshingamateka wahagaze ku ruhande rwa Ramaphosa, bituma abatavuga rumwe bataronka amajwi akwiye yotuma abogozwa ku butegetsi.

Iyo raporo yatumye imigambwe itavuga rumwe na Ramaphosa ndetse na bamwe bo mu mugambwe ANC bamusaba kuva ku butegetsi.

Iri tora ry’abashingamateka ribaye mu ndwi Prezida Ramaphosa agiye kurwanamwo urugamba rw’ubuzima bwiwe bwa poritike. Ariko arondera kwongera gutorwa nk’umukuru w’umugambwe ANC mw’ikoraniro kaminuza rizotangura i Johannesburg ku musi wa gatanu.

Kugira aronke uburenganzira bwo kuzokwitoreza manda igira kabiri nk’umukuru w’igihugu mu 2024, Prezida Ramaphosa abwirizwa kongera kwizigirwa na ANC mu gutorwa kandi nk’umukuru w’umugambwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG