Uko wahagera

Prezida Ramaphosa Arashobora Gukurwa ku Buyobozi bwa ANC muri Afrika y'Epfo


Perezida w'Afurika y'Epfo Cyril Ramaphosa na Thandi Modise wahoze ari Perezida w'inteko y'Abadepite
Perezida w'Afurika y'Epfo Cyril Ramaphosa na Thandi Modise wahoze ari Perezida w'inteko y'Abadepite

Prezida wa Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa, ararindiye ingingo y'umugambwe uri ku butegetsi, African National Congress, ANC mu mfunyapfunyo, ku vyo yagirizwa ko ashobora kuba yigenjeje nabi kandi yakoze ibintu biteye kubiri n'amabanga ajejwe.

Ivyerekeye kazoza kiwe ntivyari bitomoye uno musi ku wa mbere mu gihe urwego nshingwabikorwa rw’umugambwe ANC uri ku butegetsi rwariko rwihweza ivyo yagirizwa kuba yarakoze.

Itohoza ririko riraba ryerekeye amakuru yatangajwe ko amafranga atari make y’agaciro yanyegejwe mu kibanza ciwe atunganirizamwo ivyerekeye ukwinezereza kandi ko atatangaje ayo mafaranga, irengero ryayo ritari rizwi, igihe yasahurwa mu mwaka w’i 2020.

Ramaphosa yarahakanye ivyaha akekwako. Gushika ubu, nta caha na kimwe kiramwagira. Ayo mafaranga yatowe mu kibanza ciwe atunganirizamwo ivyerekeye ukwinezereza citwa Phala Phala.

Prezida Ramaphosa yaritavye inama y’urwego nshingwabikorwa rw’umugambwe ANC. Yaratangaje ku musi w’Imana ko azokwemera ingingo ruzofata ku bimwerekeye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG