Minisitiri w’ububanyi n’amahanga wa Leta zunze ubumwe z’Amerika, Antony Blinken, yashimangiye ko ihagarikwa ry’imirwano muri Etiyopiya, rigomba kwubahirizwa.
Avugana kuri telefone na minisitiri w’intebe wa Etiyopiya, Abiy Ahumed, ejo kuwa kabiri, minisitiri Blinken yashimangiye akamaro ko kwubahiriza amasezeraho yo guhagarika imirwano mu gihugu, guverinema n’ingabo z’intara ya Tigreya bumvikanyeho kugirango intambara ihagarare.
Umuvugizi wa deparitema ya Leta muri Amerika, Ned Price, mu butumwa yasomye, yavuze ko deparitema ya Leta yibutsa akamaro ko guhita ubushyamirane buhagarara, harimo gukura ingabo zose z’amahanga muri Etiyopiya no gufasha intwaro hafi ku ruhande rw’ingabo za Tigreya.
(Reuters)
Facebook Forum