Ku ncuro ya mbere ku mugaragaro kuva mu 2015, umuprezida w'u Rwanda n'uw'Uburundi bahuye amaso mu yandi.
Ku rubuga rwa Twitter, ibiro vya prezida w'Uburundi, Ntare Rushatsi, vyashizeho ifoto biboneka ko yafatiwe mu nama mpuzamakungu igira 27 y'ihindagurika ry'ibihe iriko ibera mu gisagara ca Charm el-Cheikh Misiri (COP27).
Kuri iyo foto, habonekako prezida w'Uburundi, Evariste Ndayishimiye, ahagarikiwe na prezida mushasha wa Kenya, William Ruto (ibubamfu), n'uw'u Rwanda, Paul Kagame (iburyo).
Ibiro vya prezida w'Uburundi vyashize ahabona iyo foto nta majambo menshi vyavuze. Vyagize biti :"Nyakubahwa Prezida Ndayishimiye, ari nawe asanzwe atwara umuryango w'Afurika y'ubuseruko muri kano kanya ariko aremesha inama yo kugisha inama n'ingingo ku kibazo c'umutekano wa Kongo... Iyo nama, iriko iba mu gihe benshi mu bategetsi b'akarere bari mu gisagara ca Charm el-Cheikh mu nama ya COP27.
Nta majambo arenga aho Ntare Rushatsi House yavuze. Urugwiro Village (Ibiro vya prezida w'u Rwanda), na vyo nyene ntaco vyari bwavuge kugeza igihe Ijwi ry'Amerika ryategura ino nkuru.
Hari abafashe ifoto yatangajwe n'ibiro vya prezida w'Uburundi nka kimwe mu bimenyetso vy'uko prezida Paul Kagame yoba agiye kugendera Uburundi nkuko Ijwi ry'Amerika ryabitangaje mu misi mikeyi ishize.
Ku wa kabiri w'indwi iheze, prezida w'Uburundi, Evariste Ndayishimiye yaraganiriye na bagenzi biwe bo muri EAC kuri terefone ku kibazo ca Kongo, maze bemeranya ko hagiye kuba inama y'ikitaraganya y'abakuru b'ibisirikare vya EAC izokurikirwa n'inama idasanzwe y'aba prezida. Ivyemezo Ijwi ry'Amerika rikura mu biro vya prezida w'Uburundi, ni uko iyo nama y'aba prezida ata gihindutse izoba igenekerezo rya 21 uku kwezi kwa cumi na kumwe.
Inyuma y'ico kiganiro co kuri terefone, ku wa gatanu w'indwi iheze Prezida Ndayishimiye, muri k'ino gihe asanzwe arongoye umuryango wa Afurika y'ubuseruko, EAC, yakiriye uwahoze arongoye igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, mu biro i we ku murwa mukuru w'ubutunzi, Bujumbura. Kenyatta ni we muhuza mukuru mu matati ya Kongo.
Uwo mubonano hagati ya Prezida Ndayishimiye na Kenyatta wamaze umwanya munini, waranzwe ahanini no kurabira hamwe inzira za politike na gisirikare zokoreshwa kugira hatorwe umuti w'indyane ziri mu buseruko bwa Kongo.
Uwo mubonano ariko ntaco wigeze uvuga ku nama y’abakuru b’ibisirikare vya EAC yumvikanyweko n’abakuru b’ibihugu vy’akarere ku wa kabiri w’iyi ndwi hamwe n’inama idasanzwe y’abaprezida izokurikira. Gusa, amakuru Ijwi ry'Amerika rihabwa na bamwe mu begereye prezidansi y'Uburundi yemeza ko iyo nama idasanzwe y'abaprezida izobera i Bujumbura ku gekenekerezo rya 21 uku kwezi, Paul Kagame yemeye kuzoyizamwo.
Prezida Paul Kagame akaramuka agiye i Bujumbura, nkuko amasoko y'Ijwi ry'Amerika abivuga, nta gisivya ko izoba ibaye inkuru yandikwa mu mateka y'Uburundi n'u Rwanda: Ubwa nyuma icuka cabaye ciza hagati y'Uburundi n'u Rwanda hari imbere y'uko Nyakwigendera Pierre Nkurunziza yitoreza manda ya gatatu, ari nayo yatumye icuka kiba kibi hagati y'u Rwanda n'Uburundi: Uburundi bwagiriza u Rwanda gufasha abahatswe gutembagaza ubutegetsi bwa Nkurunziza, U Rwanda narwo rukiyama Uburundi rusigura ahubwo ko bubitse ababugirira nabi.
Imbere y'ico gihe co mu 2015, ni nabwo bwa nyuma abategetsi ba Kigali na Gitega (umurwa mukuru w'Uburundi wahoze ari Bujumbura) babonetse ku mafoto bari kumwe.
Umwe mu begereye ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburundi yabwiye Ijwi ry'Amerika ati:" Ko umuprezida w'u Rwanda agiye kuza mu Burundi inyuma y'igihe kirekire ba kizigenza b'ibihugu vyacu batagenderanira, ntibabonane amaso mu yandi ntibikiri ibanga."
Ijwi ry'Amerika ryabajije isoko ryaryo mu biro kwa prezida w'Uburundi niba Prezida Kagame agiye i Bujumbura, we na Ndayishimiye bazovuga ivya Kongo gusa, canke hazojamwo no kuvugana ivyo kunagura imigenderanire y'u Rwanda n'Uburundi, ariko adusaba gutenyenya, akabanza agatororokanya amakuru yose.
Ikindi, amakuru yo kwizera Ijwi ry'Amerika rifise, yemeza ko u Rwanda rwarahiye rukarengwa ko gutanga abagirizwa guhakwa guhirika ubutegetsi mu Burundi biri mu vyo buzokwemera kugira rwongere kurabana ryiza n'Uburundi: Uburundi bwoba nabwo bwarabonye ko ivyo rusaba ari ibidashoboka, gutyo bwemera kwiyorosha mu vyo kwiyunga n'igihugu bwitanye ba mwana n'umwansi mu kiringo kigera ku myaka indwi."
Facebook Forum