Jenerali de Polisi Gervais Ndirakobuca yahora ari umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere ry'amakomine n'umutekano, uno munsi yarahiririye amabanga y'umushikiranganji wa mbere w'Uburundi.
Asubiririye Alain Guillaume Bunyoni yavanywe muri ico kibanza na Prezida Evariste Ndayishimiye. Bunyoni akombowe inyuma y'indwi imwe Prezida Ndayishimiye atangaje ko hariho abategetsi bari kumwe mu mugambwe, CNDD-FDD, bipfuza kumukorera kudeta. Mu bo vyanuganuzwe ko yariko aravuga, harimwo Alain Guillaume Bunyoni.
Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Washington DC, Diane Nininahazwe mu kiganiro yagiranye na Agathon Rwasa atwara umugambwe, CNL, utavuga rumwe n'ubutegetsi mu Burundi, yamusiguriye ko mu vyo bipfuza ko Ndirakobuca yohindura hobamwo ukugena Reta irimwo bose, "itagizwe n'abari mu mugambwe CNDD-FDD gusa".
Fyonda aho hasi wumve ikiganiro cose Agathon Rwasa yahaye Ijwi ry'Amerika
Facebook Forum