Abanywanyi barenga 200 b’umugambwe CNL utavuga rumwe n’ubutegetsi barahagaritswe barafungwa kuva hagiyeho Reta nshasha irongowe na perezida Evariste Ndayishimiye mu gihe abarenga 20 baburiwe irengero maze abandi benshi baraborezwa igufa.
Ibi bishikirizwa na Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL. Mu bushikiranganji bujejwe itunganywa ry'imigambwe n'umutekano bavuga ko aya makuru atayo bazi.
Rwasa yemeza ko urubuga rwa poritike mu Burundi rwugaye ku batari mu mugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi.
Umviriza ibindi muri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry’Amerika i Nairobi muri Kenya
Facebook Forum