Umushikirizamanza mukuru wa Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, yavuze ko Sudani yemeye gukorana n’iyo sentare ku vyaha vyo mu ntambara vyakozwe mu ntara ya Darfur, ku butegetsi bwa Prezida Omar al-Bashir.
Karim Khan, umushikirizamanza mukuru wa CPI, yabivuze inyuma yo kubonana n’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare, Abdel Fattah al-Burhan, yatembagaje ubutegetsi mu mwaka uheze. Hari inyuma kandi yuko yari ahejeje kugendera intara ya Darfur.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, rivuga ko abantu 300.000 bishwe muri iyo ntambara yatanguye mu mwaka wa 2003.
Bashir, w’imyaka 78, ari mw’ibohero ku murwa mukuru Khartoum kuva mu 2019 akuwe ku butegetsi. Aronderwa na CPI ku vyaha vy’ihonyabwoko, ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ivyaha ku kiremwa muntu vyakorewe muri Darfur.
Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yagirije Bashir hamwe n’abahora bamufasha gutwara ivyaha vy’ubwicanyi, gufata abakenyezi ku nguvu, gusahura hamwe no guturira imihana y’abanyagihugu.
Facebook Forum