Umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, Karim Khan ari mu rugendo muri Sudani.
Itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Sudani, SUNA, ryavuze ko Khan hamwe n’izindi ntumwa bari kumwe bazoganira n’abategetsi bakuru b’igihugu, bongere begendere intara ya Darfur.
Urwo rugendo rwa Khan muri Sudani ruzobandanya gushika kw’itariki ya 25 y’uku kwezi. Ni mu gihe mu mwaka uheze yari yagendeye Sudani mu biganiro bijanye n’imitahe CPI yasohoreye abagirizwa ivyaha vyabaye mu 2003 mu ntara ya Darfur, ku ntwaro ya Omar al-Bashir.
Ni urugendo rwo ku ncuro ya gatatu rukozwe n’umushikirizamanza mukuru wa CPI muri Sudani kuva Bashir akuwe ku butegetsi mu kwezi kwa kane, umwaka w’2019.
Kuva umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare, Abdel Fattah al-Burhan, afashe ubutegetsi, Sudani iri mu mutekano muke, ubutunzi bwasubiye inyuma, hamwe n’indyane zishingiye ku moko, harimwo n’intara ya Darfur.
Bashir aracari ku rutonde rw’abaronderwa na CPI ku ruhara yagirizwa ko yagize mu ntambara yabaye mu ntara ya Darfur mu 2003, intambara hagati y’abarobeli bo mu bwoko bw’inkehwa na reta igizwe ahanini n’abarabu.
@AFP
Facebook Forum