Uko wahagera

Abasirikare ba Tuniziya Batabaye Abimukira Barenga 250 muri Mediterane


Abasirikare ba Tuniziya bagenzura inkengera z’ibahari baratabaye abimukira barenga 250 bariko baragerageza kujabuka ibahari Mediterane berekeza mu Butaliyano. Umuvugizi w’abo basirikare, Houcem Eddine Jebabli, yavuze ko kuva kuwa gatanu gushika kuwa gatandatu batabaye 255, barimwo 170 bava mu bindi bihugu bitari bike vya Afrika. Abasigaye ni abanyetuniziya.

Iri tangazo ry’igisirikare ariko ntiryavuze nimba hari ubwato bwoba bwaragize ibibazo canke bwoba bwarazamye. Ariko ryavuze ko hatowe amafaranga atari make muri abo bantu.

Abasirikare ba Tuniziya bagenzura inkengera z’amazi batangaje ko hagati mu kwezi kwa gatanu, abimukira 455 batabawe mu bikorwa bitandukanye ku nkengera z’amazi mu bice vyo mu buraruko, ubuseruko hamwe n’ubumanuko bw’igihugu.

Abimukira bagerageza kwinjira ku mugabane wa Buraya bavuye mu karere ka Afrika y’uburaruko bariyongereye muri ibi bihe vyo muci kuko amabahari aba atekanye.

Tuniziya na Libiya niyo mihora abimukira bakunze kuvamwo baja mu Butaliyano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG