Uko wahagera

Abimukira 455 Baratabawe n'Abasirikare ba Tuniziya


Abimukira bamuka muri Tuniziya na Libiya bashitse mu Butaliyano mw'izinga rya Lampedusa, kw'iytariki ya 1/08/2020.
Abimukira bamuka muri Tuniziya na Libiya bashitse mu Butaliyano mw'izinga rya Lampedusa, kw'iytariki ya 1/08/2020.

Abasirikare ba Tuniziya bagenzura inkengera z’amazi bavuze kuri uyu wa mbere ko batabaye abimukira 455 mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu. Ni mu rugamba rwo kurwanya abimukira baca muri ako karere bitemewe n’amategeko.

Umuvugizi w’abo basirikare, Houcem Eddine Jebabli, yavuze ko muri abo batabawe, 289 bamuka mu bihugu bitandukanye vyo mu karere ka Afrika ko munsi ya Sahara, abasigaye ari abayetuniziya.

Tuniziya ni umuhora abimukira bakoresha bashaka kuja ku mugabane wa Buraya, cane cane mu Butaliyano.

Mu mpera z’ukwezi kwa gatanu, abasirikare ba Tuniziya bagenzura inkengera z’amazi bavuze ko abantu barenga 70 baburiwe irengero. Abandi 24 baratabawe inyuma y’aho ubwato barimwo bava muri Libiya bagana mu Burayi bwibira mu mazi bugeze ku kivuko ca Sfax ku ruhande rwa Tuniziya.

Ihuriro ry’abaharanira uburenganzira bwa kiremwa muntu muri Tuniziya ryavuze ko mu mwaka uheze, abimukira 15.671 baragerageje gushika mu Butaliyano bavuye muri Tuniziya. Rivuga ko bari 13.000 mu mwaka wa 2020.

Nayo ishirahamwe mpuzamakungu rita ku mpunzi n’abimukira, OIM, ryavuze ko abimukira hafi 2.000 baburiwe irengero canke bazamye mu mazi y’ibahari Mediterane mu 2021, ugereranije n’1.401 mu mwaka w’imbere y’aho.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG