Perezida wa Repubulika ya demokarasi ya Kongo, Felix Tshisekedi, yavuze kuri uyu w’Imana ko ata gukekeranya u Rwanda rwashigikiye umurwi w’abarobeli mu gihugu ciwe, ariko ashimangira ko agihagaze ku kurondera imigenderanire myiza n’u Rwanda biciye mu nzira y’amahoro.
Ibi abivuze inyuma y’aho umuhari M23 wivyukiranije mu gutana mu mitwe mu misi iheze n’inteko za FARDC mu buseruko bwa Kongo, hafi y’urubibe n’u Rwanda.
Mw’ijambo ryaciye kuri televiziyo y’igihugu ciwe, Perezida Tshisekedi yavuze ko yamye ashira imbere “kwubaka igitarurwa mu gishingo co kwubaka impome.”
Yavuniye akagohe ibihugu bibanyi ko bitofata akamo kiwe ko gushaka amahoro nko kutagira inkomezi. Ati ntibice biba icitwazo ku bihugu bibanyi co guca bibasotora.
Perezida Tshisekedi ibi yabivuze igihe yari mu rugendo mu gihugu kibanyi, Congo-Brazzaville, kuganira na Perezida Denis Sassou Nguesso.
Ni mu gihe Ambasaderi w’u Rwanda muri RDC, Vincent Karega, ejo kuw’Imana yemeje ko umubano w’igihugu ciwe na Kongo winjiwemwo n’agatotsi. Ambasaderi Karega yabwiye Ijwi ry’Amerika ko u Rwanda rugihagaze ku nama zibera i Nairobi mu rwego rw’Umuryango w’ubuseruko bw’Afurika, uw’ubumwe bw’Afrurika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU nk’inzira izogarukana amahoro muri ico gihugu.
Karega yasobanuye ko igihugu ciwe gishigikiye ko Kongo n’imihari yafashe ibirwanisho iyirwanya bikwiye gusubira mu biganiro vy’amahoro.
Facebook Forum