Prezida w’u Rwanda Paul Kagame yageze i Kampala muri Uganda aho bitegekanijwe ko yitabira ibirori vy’isabukuru y’amavuko y’umuhungu wa Prezida wa Uganda, Lt. Jenerali Muhoozi Kainerugaba.
Radiyo na tereviziyo vy’u Rwanda, RBA, vyatangaje ko Prezida Kagame muri urwo rugendo “rutari urw’akazi” aza kugirana umubonano na Prezida wa Uganda, Yoweri Kaguta Museveni imbere yo kuja mu birori vy'isabukuru ya Muhoozi.
Hari haheze imyaka ine Prezida Kagame adahonyoje ikirenge muri Uganda bivuye kw’itosekara ry’imigenderanire hagati y'u Rwanda na Uganda.
Ibirori vy’isabukuru y’amavuko y’imyaka 48 y’umuhungu wa Museveni biza kubera ku kirimba ca Prezida. Amakuru Ijwi ry’Amerika rikesha ikinyamakuru The New Times co mu Rwanda, avuga ko idarapo ry’u Rwanda ryamanitswe mu ngoro kwa Prezida Museveni, nk’ikimenyetso co kwishimira urugendo rwa Prezida Kagame.
Naho hari haheze imyaka ine Prezida w’u Rwanda atagendera Uganda, n’uwa Uganda akaba amaze igihe atagendera u Rwanda, umuhungu wa Prezida Museveni asanzwe ari nawe mukuru w'ingabo zirwanira ku butaka muri Uganda muri uno mwaka yagendeye u Rwanda kabiri, mu ntumbero yo kunagura imigenderanire y’ivyo bihugu bibanyi.
Facebook Forum