Igihugu ca Ukraine catangaje ko Uburusiya bwatanguye ibitero bigamije kwifatira ubuseruko bwa Ukraine, mu gihe misile y’Uburusiya yatewe mu gisagara ca Lviv kuri uyu wa mbere, mu burengero cishe abashika indwi.
Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy yavuze kuri uyu wa mbere ko ata gukekeranya abasirikare b’Uburusiya batanguye kurwana ngo bafate Donbas, urugamba bamaze igihe bitegurira.
Yavuze ko igitigiri kinini c’abasirikare b’Uburusiya bagiye kuri uru rugamba. Intara ya Donbas irimwo Luhansk na Donetsk, intara zibiri zisa n’izigenzurwa n’abiyonkoye kuri Ukraine bashigikiwe n’Uburusiya. Harimwo kandi igice c’igisagara ca Mariupol mu bumanuko.
Gufata aka karere bizokworohera Uburusiya kugenzura ikirere c’ubutaka kija mw’izinga rya Crimea, bwigaruriye mu 2014.
Umukuru w’igisata kijejwe imfashanyo muri ONU, Martin Griffiths, yatangaje kuri uyu wa mbere ko azobonana na perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan muri Turukiya muri iyi ndwi. Azoba agiye gusaba ko haba umurwi w'ibihugu wo kuvuganiramwo, uzoba urimwo Ukraine n’Uburusiya.
Griffiths yabwiye abamenyeshamakuru i New York ko uwo mugwi uzoza uratumwako na ONU kugira haganirwe ibibazo bijanye n’imfashanyo. Ibi bibazo bishobora kubamwo gucungera ko amasezerano yo guhagarika intambara yubahirizwa, guca umuhora w’imfashanyo, canke ibindi bibazo hagati y’impande zirwana.
Griffiths ntiyavuze ariko igihe azobonanira na Perezida Erdogan, ariko yavuze ko ategekanya gushika muri Turukiya ku musi wa gatatu akazovayo ku musi wa kane.
We n’umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres baravuganye na Perezida Erdogan kuri terefone ku musi w’Imana baganira kuri uyu mugambi.
Uburusiya bwateye Ukraine kw’itariki ya 24 y’ukwa kabiri kandi kuva ico gihe bwamye bwagirizwa kwica abasivile. ariko bwo burabihakana bukavuga ko buremantaririzwa. Amashirahamwe y’abagiraneza yaragabishije ko bikenewe gucungera no gukura abasivile mu bice biberamwo intambara.
Griffiths yagendeye Uburusiya mu ntango z’ukwezi kwa kane imbere yo kugendera Ukraine, kugerageza kuraba ko yosinyisha agahengwe k’intambara kugira imfashanyo zishike ku bazikeneye.
Facebook Forum