Umushikiranganji wa mbere wa Ukraine yavuze kuri uyu w’Imana ko igisagara gikomeye kiri ku kivuko Mariupol kikiri mu minwe ya Ukraine.
Umushikiranganji wa mbere, Denys Shmyhal yavuze ko ico gisagara kitaragwa mu minwe y’umwansi. Ni inyuma y’amasaha ikiringo ca catanzwe n’Uburusiya ko abasirikare ba Ukraine bamanika amaboko bakishikana n’ibirwanisho vyabo kirangiriye.
Abajijwe ku makuru avuga ko perezida w’Uburusiya Vladimir Poutine yemeza ko ariko aratsinda intambara, Shmyhal nawe yemeza ko ibisagara bitari bike bikiri mu mirwano, ariko ko igisagara Kherson co mu bumanuko arico conyene kigenzurwa n’Uburusiya.
Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy yavuze ku musi wa gatandatu ko mu gihe abasirikare biwe muri Mariupol bokwicwa, yoca ava mu biganiro vy’amahoro. Perezida Poutine we aza yaramaze kuvuga ko ibiganiro vyapfuye.
Umushikiranganji wa mbere Shmyhal yavuze kuri uyu w’Imana ko Ukraine yipfuza inyishu ya kidipolomasiya bishobotse. Yongeyeko ko batazota igihugu, imiryango yabo, n’ubutaka ngo bahunge.
Perezida Zelenskyy, mu kiganiro yahaye televiziyo nyamerika CNN yavuze ku musi wa gatanu ko Ukraine yiteguriye kurwanira intara ya Donbas gushika ku musirikare wa nyuma.
AP, Reuters
Facebook Forum