Uko wahagera

Uburusiya Bwankiye Bamwe mu Bategetsi b'Ubwongereza Kwinjira ku Butaka Bwabwo


Boris Johnson n'umushikiranganji wa mbere w'Uburusiya
Boris Johnson n'umushikiranganji wa mbere w'Uburusiya

Uburusiya butangaza ko bwimye uruhusha rwo kwinjira ku butaka bwabwo umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Boris Johnson, umunyamabanga mukuru mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Ubwongereza n’ayandi makungu, Liz Truss, umukuru w’intwazangabo muri ico gihugu, n’abandi bakozi 10 ba Reta y’Ubwongereza barimwo abanyepolitike.

Aya makuru yatangajwe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Uburusiya n’ayandi makungu bubicishije mw’itangazo. Ubwo bushikiranganji bwasiguye ko bubikoze mu ntumbero yo gusubiriza mu ndumane Ubwongereza ku bihano bwafatiye bamwe mu bategetsi babwo, kandi ko urutonde rw’abatemerewe guhonyoza ikirenge mu Burusiya vuba rujako abandi.

Uburusiya buvuga ko umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Boris Johnson, ari mu ba mbere bari ku ruhande rwa Ukraine mu ntambara Uburusiya burimwo n’ico gihugu, bugasigura ko uwo mutegetsi arwanya Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG