Abantu bashika kuri batanu bishwe barashwe mu gitero cabaye kuri uyu wa kabiri mu gisagara ca Bnei Brak, kiri mu micungararo y’umurwa mukuru Tel Aviv wa Isirayeli. Kibaye igitero ca gatatu mu misi mike gusa ihaciye.
Ku musi w’Imana, abaporisi babiri ba Isirayeli barishwe barashwe i Hadera; indwi imwe imbere y’aho bane bishwe bacumiswe imbugita mu gisagara ca Beersheba. Umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu wariyemereye ko ari wo wakoze ivyo bitero bibiri.
Igiporisi cavuze ko iki gitero co kuri uyu wa kabiri cabereye mu bibanza bibiri, kandi cakozwe n’umuntu yitwaje inkoho yari kw’ipikipiki. Ibimenyeshamakuru muri Isirayeli vyavuze ko uwo muntu yatumbereje amasasu mu mazu ya aparotema mu nyuma aca ayahindukiriza ku bantu bariko bararengana mw’ibarabara. Ariko nawe yaciye araswa aricwa.
Ibi bitero bibaye imbere yuko amafungo y’abayisilamu ya Ramadani atangura ku musi wa gatandatu, kandi ni mu gihe abashikiranganji b’imigenderanire b’ibihugu bine vy’abarabu, Reta zunze ubumwe za Amerika na Isirayeli bari mu mubonano muri Isirayeli baganira ku bibazo biri muri ako karere.
@Reuters
Facebook Forum