Uko wahagera

Ibihugu Bitari Bike Vyasavye Abenegihugu bavyo kuva muri Ukraine


Ingenzi zirindiriye gusuzumwa imbere yo kwinjira mu ndege ku kibuga c'indege i Boryspil, hanze ya Kiev, kw'itariki ya 13/02/2022
Ingenzi zirindiriye gusuzumwa imbere yo kwinjira mu ndege ku kibuga c'indege i Boryspil, hanze ya Kiev, kw'itariki ya 13/02/2022

Ibihugu bitari bike biriko bisaba abenegihugu bavyo bari muri Ukraine kuvayo. Bimwe muri ivyo bihugu vyagabanije ica kabiri c’abakozi bakorera muri ambasade zavyo. Ni mu gihe hari ubwoba ko Ukraine ishobora guterwa n’Uburusiya umusi uwo ari wo wose.

Ibihugu vyahamagaye abenegihugu bavyo kuva muri Ukraine ni Reta zunze ubumwe za Amerika, Ubudagi, Ubutaliyano, Ubwongereza, Irelande, Ububirigi, Luxembourg, Ubuholande, Canada, Noruveje, Estoniya, Lituwaniya, Bulgariya, Sloveniya, Ostraliya, Ubuyapani, Arabira Sawudite, Isirayeli, na Emirat zunze ubumwe z’Abarabu.

Ubufaransa bwahanuye abenegihugu babwo kwirinda kuja mu bice vy’uburaruko n’ubuseruko bwa Ukraine, ariko ntibwabasavye kuva mu gihugu.

Uburusiya nabwo bwarahamagaje abakozi babwo bo muri ambasade i Kiev gutahuka, buvuga ko butinya ko bashobora kuzobihorako.

Amerika yasavye abadipolomate bayo nka bose kuva i Kiev, ku murwa mukuru wa Ukraine. Canada iriko irugara ivy’agateganyo ambasade y’i Kiev, yimurira ibikorwa vyayo mu gisagara ca Lviv, co kimwe na Ostraliya.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG