Uburusiya bwatanguye uno musi ku wa kane imyimenyerezo ya gisirikare ikomeye mu gihugu ca Biyerorusiya. Ni mu gihe Ubwongereza bwatanguje utwigoro dushasha twerekeye guhwamika icuka kibi kihari ku bijanye n’igihugu ca Ukraine.
Mu biganiro i Moscou n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov, umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubwongereza, Liz Truss, yagabishije Uburusiya ko bogoma gukora kudatera muri Ukraine.
Agabisha abategetsi b’Uburusiya ko gutera igihugu kibanyi ca Ukraine bizogira ingaruka mbi zikomeye cane ku gihugu cabo, Ukraine n’umugabane w’Ubulaya.
Abategetsi ba Reta zunze ubumwe za Amerika bagabishije ko Uburusiya bushobora gutera Ukraine inyuma yuko bukoranirije inteko nyinshi cane zabwo hafi y’imbibe z’ico gihugu. Zagirije abategetsid b’Uburusiya ko bariko batuma icuka kibi ciyongera kurushiriza mu kugirisha imyimenyerezo ya gisirikare n’igihugu ca Biyerorusiya.
Uburusiya burahakana ko buriko butegura gutera Ukraine. Bumenyesha ko bufise uburenganzira bw’ukurungika inteko zabwo uko bushaka ku butaka bwayo hamwe n’ibihugu bicuditse mu gihe bivyemeye. Bumenyesha ko imyimenyerezo ya gisirikare igenewe kwivuna umwansi.
Ukraine nayo nyene yatanguje imyimenyerezo ya gisirikare ku ruhande rwayo uno musi ku wa kane. Izobandanya gushika kw’italiki 20 y’ukwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka co kimwe nk’iy’Uburusiya. (Reuters)
Facebook Forum