Uko wahagera

USA Yemeza ko Uburusiya Bugejeje Kure Imyiteguro yo Gutera Ukraine


Bamwe mu basirikare barungitswe mu micungararo ya Ukraine
Bamwe mu basirikare barungitswe mu micungararo ya Ukraine

Abategetsi b’Amerika batangaza ko Uburusiya bwakwije ibice bigera kuri 70% y’ivya ngombwa vya gisirikare bikenewe kugira butere Ukraine ata wamira. Amazina y’abategetsi b’Amerika batanze aya makuru ntiyigeze atangazwa. Gusa, bavuze ko ico gitero gihabwa amahirwe menshi gishobora kuzogabwa mu ndwi nke ziri imbere.

Bimwe mu bimenyetso abategetsi b’Amerika batanga ano makuru bashira imbere, ni imyimenyerezo y’abasirikare mu vyo gukoresha ibirwanisho vya Nikleyeri yihutishijwe ugereranije n’igihe yahora ikorerwako. Abo bategetsi b’Amerika ariko aha baratomora ko ibi bidasigura ko Uburusiya mu kuvogera Ukraine buzokwifashisha ibirwanisho vya Nikleyeri, basanga ahubwo ari umukenyuro wo gutera ubwoba no guca inguvu ibihugu vyo mu burengero vyipfuza kuzotabara Ukraine.

Amerika ivuga ko Uburusiya muri rusangi bumaze kurungika mu micungararo ya Ukraine ama batayo 83 y’abasirikare. Batayo imwe imwe irimwo abasirikare bari hagati ya 750 n’1000. Amerika ibandanya isigura ko kugira Uburusiya butere Ukraine ijana kw’ijana bukeneye batayo ziri hagati y’110 n’130, ariko ko Prezida w'Uburusiya Putin ashobora kugabanya abasirikare arungika mu ngwano, agakora igitero kibayabaye. Reta zunze ubumwe z’Amerika naho biri uku ibandanya kwemeza ko hatararengerana ko hatorwa inyishu ya diplomasiya.

Ibimenyeshamakuru nyamerika, The New York Times na The Washington Post bitangaza ko Uburusiya buramutse buteye Ukraine bitazoteba ko bwigarurira umurwa mukuru, Kyiv kandi ko bibaye, abanyagihugu bagera ku bihumbi 50 bashobora kuhasiga ubuzima. Iyo ngereranyo y’abashobora kuhasiga ubuzima hari umutegetsi w’Amerika yayemereye itororokanirizo ry’amakuru y’abanyamerika, AP.

Abategetsi b’Amerika batanga ano makuru bwihishwa bashimangira ko Prezida w’Uburusiya Vladimir Putin naho yiteguriye urugamba, ashobora kuba atarafata ingingo yiwe ya nyuma yo gutera Ukraine.

Hagati aho, Prezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Joe Biden, yaramaze kuvuga ko ata nteko z’Amerika azorungika muri Ukraine ku rugamba. Muri ino ndwi yamara yarongereje igitigiri c’abasirikare barungitswe ku mipaka ya Pologne na Rumaniya kongereza inguvu z’abasirikare b’ishirahamwe OTAN bameze magabo barindiriye guhangana n’Uburusiya kugira ntibudurumbanye umutekano w’ibihugu biri muri OTAN vyegeranye na Ukraine. Ukraine ubwayo ntiri mw’ishirahamwe OTAN rihurikiyemwo ibihugu vyo mu burengero vyishinze kugwaniriza hamwe umwansi, ariko ibihugu bigize OTAN birashigikira cane Ukraine biciye mu myimenyerezo ya gisirikare.

  • 16x9 Image

    Diane Nininahazwe

    Diane Nininahazwe akorera igisata c'Ikirundi n'Ikinyarwanda kuva mu 2015. Imbere yo gutangura gukorera ku cicaro gikuru i Washington-DC nk'umumenyeshamakuru n'uwushinzwe imbuga ngurukanabumenyi z'ico gisata (Digital Lead), yakoreye Ijwi ry'Amerika mu Burundi, i Buraya ku murwa mukuru w'Ubudagi i Berlin, no mu gisagara ca Los Angeles muri Reta ya California iri mu burengero bushira ubumanuko bw'Amerika. Umwuga wo kumenyesha amakuru yawutanguye mu 2004 aho yakoreye ibimenyeshamakuru bitandukanye birimwo iradiyo yigenga Bonesha Fm n'ikimenyeshamakuru c'Abafaransa, Le Point Afrique. Imbere yo gukorera Ijwi ry'Amerika, Nininahazwe yarakoze nk'umumenyeshamakuru yigenga ibiganiro vy'amashirahamwe yigenga arimwo iryo mu Buholande, La Benevolencija, iry'Abanyamerika, PSI, iry'Abadagi, EIREN, na CED-Caritas Burundi. Kuva mu 2011, ari mu murwi w'abamenyeshamakuru igisata ca ONU kiraba ivy'ubutunzi, UNECA, gikoresha nk'abigenga mu gukurikirana amanama mpuzamakungu ku vy'ihindagurika ry'ibihe n'iterambere rirama. Afise impamyabushobozi ya kaminuza mu gisata co kumenyesha amakuru mu bijanye n'iterambere (Communication Pour le Développement), n'urupapuro mu vy'umwuga wo kumenyesha amakuru muri rusangi (Multimedia Journalism). Amaze gutahukana ubushimwe butandukanye mu vy'ukumenyesha amakuru burimwo bubiri mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG