Uko wahagera

Abakobwa Bagiye Gusubira Kwiga muri Afuganistani


Abakobwa baharurwa mu bihumbi amacumi bategekanya gusubira mu mashure yisumbuye muri Afuganistani kuri uyu wa gatatu, inyuma y’amezi indwi Abatalibani basubiye ku butegetsi bagashiraho amategeko ahonyanga agateka k’abakenyezi ko kwiga.

Amashure yose yarugawe muri Afuganistani kubera ikiza ca Covid-19 igihe Abatalibani bashika ku butegetsi mu kwezi kwa munani, ariko abahungu hamwe na bamwe mu bakobwa baremerewe gusubira kwiga inyuma y’amezi abiri.

Amakungu yategetse Abatalibani kugarukana agateka k’abana ko kuja mu mashure, mu biganiro vyari bigamije gufasha igihugu no kwemera reta y’Abatalibani. Ibihugu bitari bike hamwe n’amashirahamwe vyaremeye guhemba abigisha.

Umushikiranganji w’indero yavuze ko amashure azokugururwa kuri uyu wa gatatu mu ntara zitari nke z’igihugu, harimwo n’umurwa mukuru Kabul ariko abo mu ntara yo mu bumanuko ya Kandahar, ahari umutima w’Abatalibani, azokugururwa mu kwezi kuza.

Abatalibani barushirije kuvuga ko bipfuza ko abana b’abakobwa b’imyaka iri hagati ya 12 na 19 bakumirwa mu mashure kandi hakubahirizwa amategeko y’idini rya kiyisilamu. Barashizeho amategeko yaka uburenganzira abakenyezi, bababuza kwinjira mu buzi bwa reta, bagenzura ivyo bambara no kubabuza gufata ingendo hanze y’ibisagara vyabo batari kumwe n’igitsina gabo.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG